Prezida Donald Trump wa Amerika yatangaje iduzwa ry’amakori mu kwihora Ubushinwa

Prezida Donald Trump wa Amerika yatangaje ko agiye kwihora igihugu c'Ubushinwa mu kuduza amakori ku bidandazwa biva muri ico gihugu, ivyatumye ibintu biyangara mu ntambara y'ubutunzi hagati y'ivyo bihugu vyompi.

Hari haciye amasaha make Ubushinwa butangaje integuro y'ukuduza amakori ku bidandazwa biciye imiliyoni 75 z'amadolari vyinjiye muri ico gihugu bivuye muri vya Amerika, ivyo Perezida Trump yiyamiriza.

Bwana Trump avuga ko iyo ngingo y'Ubushinwa ari iya "politike", akabwagiriza ko bushaka "kugendera" kuri Amerika.

Ubushinwa bwatangaje integuro y'ukuduza amakori kuva ku bice 5% gushika kuri 10% ku bidandazwa birenga 5000 biva muri Amerika, harimwo ivyimburwa vyo mu burimyi, indege n'ibitoro bitarahingura.

Butegura kandi gutoza ikori ryari ryarabangiriweko ry'ibice 25% ku mamodokari ava muri Amerika.

Bwana Trump ati tera iyo sema.

Abicishije ku rubuga rwa Twitter ejo ku wa gatanu, Bwana Trump yatangaje iduzwa ry'ayo makori ku bice 5% ku bidandazwa vyinjira bivuye mu Bushinwa.

Avuga ko kuva kw'igenekerezo rya 01 ukwezi kw'icumi, Amerika izoduza amakori kuri ivyo bidandazwa biciye imiliyoni 250 y'abanyamerika, kuva kuri 25% gushika kuri 30%.

Avuga kandi ko ibidandazwa biciye amadolari 300 vyari vyitezwe gutozwako ikori ingana n'ibice 10% rizoduga gushika kuri 15%.

Ati: "Ikibabaje, ni uko ubutegetsi bw'inyuma bwaretse Ubushinwa bukarengera inyungu za Amerika muvyo ubudandaji, ku buryo bwabaye umuzigo ku mutangakori wa Amerika. Jewe nk'umukuru w'igihugu, sinshobora kwemera ko ivyo bisubira".

Bwana Trump amenyesha ko "kuri iyo mvo, yategetse" amakompanyi ya Amerika kuvavanura n'Ubushinwa bakarondera abandi bakorana, agapfuma arondera ingene yokorera muri Amerika.

Izo ngingo zerekana ukutumvikana hagati y'ivyo bihugu bibiri ku vyerekeye ubudandaji zatumye ibintu biba nabi ku masoko y'ivunja n'ivunjwa ry'amafarangam haba muri Amerika, canke i Bulaya.

Ku munsi wa gatanu, Bwana Trump yarifatiye mu gahanga umukuru w'ibanki nkuru y'igihugu ca Amerika, Jerome Powell, inyuma y'aho avugiye ko iyo ntambara y'ubudandaji ishobora gutuma ubutunzi bwa Amerika bugira ibibazo.

Aciye kuri Twitter, Perezida Trump yashitse kure, aho yibajije nimba uyo mukuru w'ibanku nkuru y'igihugu atoba ari "umwansi" mukuru gusumba umukuru w'igihugu c'Ubushinwa, Xi Jinping.