Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama nshingamateka ya Amerika iriyamiriza amajambo ya Trump yise ayo 'amacakubiri'
Inama nshingamateka ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje urwandiko rwiyamiriza Perezida Donald Trump inyuma y'ubutumwa bw'ugutyoza abashingamateka bane b'abagore.
Urwo rwandiko ruriyamiriza amajambo ya Trump "yerekana amacakubiri y'urukoba, ivyateye ubwoba n'urwanko mu Banyamerika bashasha atari abazungu".
Bwana Trump yagirizwa kubiba amacakubiri y'urukoba n'urwanko ku banyamahanga, inyuma y'aho abwiriye abashingamateka bamwe ko bogenda bakava muri Amerika.
Kuva ico gihe, Perezida Trump aguma acisha ubutumwa kuri Twitter avuga ati: "Jewe nta gufa ry'amacakubiri y'urukoba mfise mu mubiri wanje".
Urwo rwandiko barwemeje ku majwi 240, 187 nabo bararuhakana.
Ku ba democrates 235 bose barwemeje, hiyongeyeko aba Repubulika bane n'uwigenga umwe wenyene asanzwe ari mu nama nshingamateka, Justin Amash.
Ibiri muri urwo rwandiko
Urwo rwandiko "rwiyamiriza amajambo abiba amacakubiri y'urukoba yavuzwe na Perezida Trump ku bashingamateka bane" rwasubiyemwo ivyavuzwe n'abatanguje Amerika hamwe n'abigeze kuba abakuru b'ico gihugu.
Ruvuga ko "Abanyamerika bose, kiretse abamuka ku basangwabutaka canke abanyamerika bakomoka ku banyafrika bari bagizwe abaja, ni abimukira canke abamuka ku bimukira".
Urwo rwandiko ruvuga kandi ko ugukunda igihugu biterekanwa n'urukoba canke ubwoko "ariko ku kugendera ibijanye n'ubwigenge, ukungana imbere y'amategeko, ukwemerana be n'intwaro rusangi nk'uko biri mw'ibwirizwashingiro".
Mu gihe bariko baharira kuri ayo majambo, umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi, yavuze ati: "Ayo majambo ya Maison Blanche ateye isoni kandi arababaje, kandi ni amajambo yerekana amacakubiri y'urukoba".
Abo mu mugambwe w'aba Repubulika bobo bavuga ko amajambo y'umupfasoni Pelosi ateye kubiri n'amategeko, mu gihe uwubarongoye mu nama nshingamateka, Kevin McCarthy, avuga ko atajanye "n'amategeko ngenderwako" y'inama nshingamateka.
Mu gihe bariko baharira kuri urwo rwandiko, iyo nama nshingamateka yarigabuyemwo kubiri, aho bamwe mu bo mu mugambwe w'aba Repubulika bavuga ko ayo matora ata teka aha igihugu.
Ku munsi wa Mungu, Perezida Donald Trump mu butumwa bwiwe ku rubuga rwa Twitter yarifatiye mu gahanga abashingamateka Alexandria Ocasio-Cortez, Ilhan Omar, Ayanna Pressley na Rashida Tlaib, aho yanditse ati: "Ni basubire iyo baje bava, mu bihugu vyabo vyasambutse kandi birangwa n'ubwicanyi".
Umwe mu batwojwe, umupfasoni Omar avuga ko ayo majambo ya Bwana Trump "yerekana umugambi w'ugushira hejuru abazungu", akavuga ko "atakindi yipfuza atari ugucanishamwo igihugu".
Perezida Trump yariyamirijwe cane kuri ayo majambo, haba muri Amerika eka no mu gihugu bicuditse na Amerika.