Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abashingamateka bane ba Amerika b'abagore bati, 'Ntimugwe mu mutego wa Trump'
Abashingamateka bane b'abagore ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika batyojwe na Perezida Donald Trump mu butumwa bwiwe ku rubuga rwa Twitter bariyamiriza ivyo yashikirije, bakavuga ko ari ugusamaza.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ejo ku wa mbere, abashingamateka Alexandria Ocasio-Cortez, Ilhan Omar, Ayanna Pressley na Rashida Tlaib basaba abanyamerika "kutagwa mu mutego".
Umupfasoni Pressley avuga ati: "Ibi ni ugusambura gusa be n'ukurondera gusamaza ngo twibagire amabi atagira izina hamwe n'umugenzo w'igiturire birangwa na buno butegetsi".
Perezida Trump yabwiye abo bagore bane - bose bakaba ari Abanyamerika - ko "bashobora kwigira" bakava muri Amerika.
Yarishigikiye mu vyo yavuze, ahakana ivyo yagirizwa ko amajambo yiwe yerekana amacakubiri.
Abapfasoni Omar hamwe na Tlaib bompi babandanya basaba ko Bwana Trump abogozwa.
Ayo majambo ashikirijwe inyuma y'aho ku munsi wa Mungu Bwana Trump ashikirije ubutumwa bw'ugutyoza.
Ico gihe yabwiye abo bagore bane - batatu muri bo bakaba bavukiye muri Amerika, umwe nawe, umupfasoni Omar akaba yavukiye muri Somalia - ati: "Ni basubire iyo baje bava, mu bihugu vyabo vyasambutse kandi birangwa n'ubwicanyi".
Ayo majambo yariyamirijwe kw'isi yose, akabonwa ko ari amajambo yerekana amacakubiri n'urwanko ku banyamahanga.
Abo bashingamateka bavuze iki?
Umupfasoni Pressley aranegura Prezida Trump avuga ko agerageza "kubashira ku ruhande n'ukubazivya", akongera ko y'uko "barenga abantu bane".
Ati: "Umurwi wacu ni munini. Umurwi wacu uhuriyemwo n'umuntu uwo ari we wese anyotewe n'ukwubaka isi y'ubutungane kuri bose".
Abo bagore bane b'abashingamateka, bose bakaba batowe mu mwaka wa 2018, rimwe na rimwe bafatwa nk'akarwi.
Bose uko ari bane babandanya basaba ko ibibazo bijanye n'amagara y'abantu, ubukozi bw'ikibi buterwa n'ugutunga inkoho, na cane cane ipfungwa ry'abimukira ku rubibe Amerika ihana na Mexique, vyokwitabwaho gusumba.
Omar ati: "Amaso yose aduhanze amaso", akiyamiriza "ukwirukana abimukira mu kivunga" hamwe "n'ihungabanywa ry'agateka ka zina muntu ku rubibe".
Umupfasoni Omar avuga ko Bwana Trump ukwifatira mu gahanga abo bagore bane batari abazungu "vyerekana umugambi w'ugushira hejuru abazungu", akongera ko y'uko "atakindi yipfuza atari ugucanishamwo igihugu".
Nayo umupfasoni Tlaib avuga ko ari "umugambi wiwe w'amacakuri y'urukoba n'urwanko ku banyamahanga ubandanya".
Mbega ukwo kutumvikana kwaje gute?
Bari imbere y'umurwi w'abashingamateka ku munsi wa gatanu, abapfasoni Ocasio-Cortez, Tlaib na Pressley barerekanye ingene abimukira babayeho nabi mu kigo bashizwemwo.
Aba bo mu mugambwe w'aba démocrate bariyamirije cane ingene ubutegetsi bwa Trump buriko burarondera inyishu y'ikibazo c'ugucungera urubibe, bakavuga ko bufashe nabi cane abimukira.
Bwana Trump ashimangira ko hari ikibazo gihanze urwo rubibe, anashigikira ibiriko bikorwa n'intumwa ziwe.
Abo bashingamateka bamaze kwerekana ingene bimeze, Bwana Trump yavuze ko ivyo bikorwa vyabanje "kwihwezwa neza".
Niho rero yaca atangura kwandika ubutumwa kuri Twitter kuri abo bagore be no ku mupfasoni Omar, akaba yaranabushimangiye ejo ku munsi wa mbere.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cari gikaze cane hanze y'ibiro vya Perezida wa Amerika vya Maison Blanche, Bwana Trump yavuze ati: "Nimba utanezerewe, nimba ari ukwama uriko uvuza induru umwanya wose, urashobora kwigira".
Eka no mu gihe abo bagore bariko batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku mugoroba wo kuwa mbere, yasubiriye kwandika ashimangira.
Ati: "Nimba utanezerewe hano, urashobora kwigira! Urahitamwo, kandi wewe wenyene".
None aba Démocrate n'aba Repubulika babivugako iki?
Aba démocrate bariyamirije bikomeye umukuru w'igihugu, mu nyuma bakaba bahambijwe n'aba Repubulika batari bake.
Bavuga ko amajambo ya Bwana Trump yerekana amacakubiri y'urukoba kandi ko yerekana urwanko ku banyamahanga.
Umusenateri w'umurepubulika Mitt Romney yigeze n'ukuba umukandida ku rwego rw'umukuru w'igihugu avuga ko amajambo ya Trump "asambura, asuzuguza kandi acanishamwo".
Avuga ati: "Abantu barashobora kudahuza imigambi n'ivyiyumviro vya politike, ariko kubwira Abanyamerika ngo basubire iyo baje bava ni ukurenga umurongo ntarengwa".
Umukuru w'inama nshingamateka w'ico gihugu, umu-démocrate Nancy Pelosi, yatangaje urwandiko mu nama nshingamateka rw'ukwiyamiriza ayo "majambo y'agakengere", bikavugwa ko rushobora gucishwa mu nama nshingamateka kugira rwemezwe kuri uyu wa kabiri.
Mugenziwe Chuck Schumer wo muri 'Sénat' avuga ko ashobora gutanga ico ciyumviro kugira ngo arabe abarepubulika bashobora kugishigikira.
Mbega abategetsi bandi kw'isi babifata gute?
Abakuru b'ibihugu bitari bike vy'incuti za Amerika biyamirije ivyavuzwe na Perezida Trump.
Umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle-Zélande, Jacinda Ardern, avuga ko "adashigikiye na gato" Perezida Trump, mu gihe na mugenziwe wa Canada, Justin Trudeau, nawe nyene yiyamirije amajambo ya Bwana Trump.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru yavuze ati: "Uko siko twebwe dukora muri Canada. Umunyacanada ni Umunyacanada".
Eka no mu Bwongereza ni uko, aho hampande ya Theresa May, umushikiranganji wa mbere w'ico gihugu, abakandida bompi bariko bahiganirwa ico kibanza bariyamiriza amajambo ya Bwana Trump.
Jeremy Hunt avuga ko yababajwe cane n'ubutumwa bwo kuri Twitter bwa Bwana Trump, nayo Boris Johnson ati: "Ntushobora gukoresha imvugo nk'iyo y'ukurungika abantu iyo baje bava".