Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwa rwaruka rwashitse muri Zanzibar n’indege rwikoreye
Rwa rwaruka rwa Afrika y'Epfo rugendera mu ndege rwikoreye rwashitse mw'izinga rya Zanzibar muri Tanzaniya, mu rugendo rwabo batera baja i Cairo mu Misiri.
Urwo rwaruka rwavuye mu gisagara ca Cape Town muri iyo ndege ku wa 15 z'uku kwezi kwa gatandatu, bagategekanya ko bazomara indwi zitandatu mu nzira, muri urwo rugendo rw'ibirometero ibihumbi 12 gushika i Cairo.
Urwo rugendo, ni iciyumviro c'umwana w'umudereva afise imyaka 17 y'amavuko, Megan Werner, se wiwe Des Werner akaba ariwe yahagarariye umugambi w'urwo rwaruka.
Avuga ko ingorane nyamukuru bagize kwabaye ukwururuka n'uguhaguruka bava mu kazinga gatoya ka Likoma mu gihugu ca Malawi, aho bategerezwa gutunganya iradiyo y'iyo ndege, hamwe n'ivyuma bituma iguruka mu gihe bari ku mugwa mukuru wa Namibiya, Windhoek.
Baragize kandi n'ikibazo c'ibitoro n'ukuronka ivya nkenerwa mu buzima nk'umukate batashobora kuronka mu maduka ya Victoria Falls muri Zimbabwe.
Bwana Werner asanzwe ari kumwe n'urwo rwaruka muri iyo ndege avuga ko bose bameze neza kandi ko n'ikirere muri rusangi ari ciza.
Uwo murwi w'urwaruka 20 bateranije iyo ndege mu ndwi zitatu, mu bikoresho vyakozwe n'ihinguriro ry'indege mu gihugu ca Afrika y'Epfo.
Ivyo bikoresho vyari bigizwe n'ibihumbi n'ibihumbi vy'ibikoresho vyategerezwa guteranywa.