Ubuhindi bumenyesha ko bugiye kwihora Amerika mu kuduza amakori ku bidandazwa biva muri ico gihugu

Igihugu c'Ubuhindi kimenyesha ko kuva uno munsi ku wa Mungu, kigiye kuduza amakori ku bwoko 28 bw'ibidandazwa biva muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ayo makori, amwe azoshika ku bice 70 kw'ijana, adugijwe mu kwihora Amerika yanse kugabanya amakori ku bidandazwa bimwe bimwe biva mu Buhindi.

Mu ntango za kuno kwezi, Perezida Donald Trump wa Amerika yarakuye Ubuhindi ku rutonde rw'ibihugu bifitaniye amasezerano y'ukworoherezanya mu vy'ubudandaji na Amerika.

Mu kwezi kwa gatandatu kw'umwaka uheze, Ubuhindi bwaratangaje ko bwadugije amakori ku bice 120 kw'ijana (120%), ariko ishirwa mu ngiro ryayo rirabangira kubera hari hakiri ibiganiro mu vy'ubudandaji hagati y'ivyo bihugu.

Mu mwaka wa 2018, urudandazwa hagati yavyo rwari rufise agaciro k'imiliyaridi 142 y'amadolari, kakaba kongerekanye incuro indwi zose kuva mu mwaka wa 2001.

Ariko, igihugu c'Ubuhindi kizotakaza imiliyaridi zirenga zitanu n'igice ku bidandazwa gishorera muri Amerika, inyuma y'aho gikuriwe mu masezerano yo kworoherezanya n'ico gihugu.

Ni ingingo ya nyuma iherutse gufatwa n'ubutegetsi bwa Bwana Trump, mu ntumbero y'ugutorera inyishu ku co yise amasezerano y'akarenganyo mu budandaji hagati ya Amerika n'ibindi bihugu.

Ukutumvikana kubandanya kwiyongera hagati y'ivyo bihugu. Mu mwaka uheze, igihugu c'Ubuhindi caradugije amakori ku bidandazwa bitari bike biva muri Amerika, inyuma y'aho idugirije amakori kuri "acier" hamwe na "aluminium" biva muri ico gihugu.

Perezida Trump, aherutse kugabisha kandi ko ashobora gufatira ibihano igihugu c'Ubuhindi mu gihe cobandanya kigura igitoro kiva muri Irani, kikabandanya kandi umugambi waco wo kugura za misile z'Uburusiya zitwa S-400 zikorora indege.

Iyo ngingo y'Ubuhindi itangajwe mu gihe hasigaye iminsi mike ngo umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu, Subrahmanyam Jaishankar, abonane na mugenziwe wa Amerika, Mike Pompeo, mu nama izohuza ibihugu 20 bitunze gusumba ibindi kw'isi izobera mu Buyapani.

Vyitezwe kandi ko hazoba umubonano hagati ya Perezida Trump n'umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi.