Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika n'Ubushinwa bumvikanye guhagarika amakori mashasha ku kiringo c'iminsi 90
Igihugu ca Amerika camenyesheje ko Perezida Donald Trump na mugenziwe w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping bumvikanye guhagarika amakori mashasha, ku kiringo c'iminsi 90 kugira ngo baje mu biganiro.
Mu nama bagiranye inyuma y'iya G20 - ibihugu 20 vya mbere bitunze kw'isi - yabera i Buenos Aires, Bwana Trump yemeye kutaduza amakori gushika ku miliyaridi 200 z'amadolari ($200bn) y'ibidandazwa vy'Ubushinwa, amakori yova kuri 10% akaduzwa kuri 25% kuva itariki 1 Ukwezi kwa Mbere.
Amerika ivuga ko Ubushinwa buzogura ibidandazwa vyinshi bituruka mu burimyi, mu mahinguriro hamwe no mu masoko ntanganguvu.
Hagataho, ubutegetsi bwa Beijing bwavuze ko impande zose zemeranije kwugurura cane amasoko bihurirako.
Niyo nama ya mbere y'amaso mu yandi hagati y'abo bategetsi babiri kuva igihe ingwano y'ubudandaji yadukiye mu ntango y'uno mwaka.
Ku munsi wa Gatandatu abari mu nama ya G20 barasohoye urwandiko bavuga ko hari amacakubiri ashingiye ku budandaji ariko ntihagira ico bavuze ku bijanye n'uko igihugu kimwe kimwe cokingira urudandazwa rwaco.
Ayo masezerano ya Amerika n'Ubushinwa ameze gute?
Mw'itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu muri Amerika, White House bivugwa ko Bwana Trump na Bwana Xi bagiranye "inama y'agakura yo ku rwego rwo hejuru".
Rivuga ko amakori Amerika yashira ku bidandazwa biva mu Bushinwa atazohinduka ku kiringo c'iminsi 90, ariko rikagabisha riti: "Ico kiringo ni carangira impande zose zidapfunditse amasezerano, ibice bihasanzwe vy'amakori vya 10% bizoduzwa bishigwe kuri 25%."
Amerika ivuga ko Ubushinwa bwemeye "kugura ibidandazwa vyinshi vyo mu bisata vy'uburimyi, amasoko ntanganguvu, amahinguriro hamwe n'ibindi bidandazwa vya Amerika mu kugerageza kunganisha mu gushoreranirana."
White House yavuze ko impande zose ziyemeje "gutangura ibiganiro ku bigiye guhinduka harimwo guhanahana ubuhinga, ugukingira ibikozwe biturutse ku bwenge bw'igihugu kimwe kimwe, gukuraho amabariyeri y'amakori, kutaburana biciye ku buhinga ngurukanabumenyi no kwirinda ubusuma buciye ku mbuga ngurukanabumenyi".