Jonas Savimbi yahoze arongoye umuhari Unita warwanya ubutegetsi bwa Angola yashinguwe inyuma y'imyaka 17 yishwe

Savimbi, yari yataziriwe "isake yirabura" (coq noir/ black rooster) ivyiwe vyari bigoye cane gutahura kubera yari umuntu mahindagu.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Savimbi, yari yataziriwe "isake yirabura" (coq noir/ black rooster) ivyiwe vyari bigoye cane gutahura kubera yari umuntu mahindagu.

Uwahoze arongoye umuhari Unita warwanya ubutegetsi bwa Angola, Jonas Savimbi, yarashinguwe ejo ku wa gatandatu, inyuma y'imyaka 17 yari ihaciye yishwe.

Abahoze ari abarwanyi ba Unita ibihumbi n'ibihumbi bari bitavye ibirori vy'ukumushingura vyabereye ku mutumba wa Lopitanga yavukiyemwo, bambaye impuzu ziriko amasanamu ya Savimbi.

Iyicwa ryiwe mu mwaka wa 2002, ryatumye intambara yari imaze igihe kirekire cane muri Afrika ihagarara.

Hirya y'ejo ku munsi wa gatanu, niho ibisigarira vyiwe vyashikirizwa umuryango wiwe.

Umugambwe Unita uvuga ko ibirori vy'ugushingura uwo yahoze ari kizigenza wawo ari intambwe ikomeye mu nzira y'ugusubiza hamwe muri ico gihugu ca Angola gisanzwe kizwi ko gifise igitoro cinshi.

Hagati aho, itororokanirizo ry'amakuru AFP rimenyesha ko ata mutegetsi n'umwe yari yaserukiye leta muri ivyo birori.

Isandugu yarimwo ibisigarira vyiwe yari ipfutswe n'ibendera ry'umugambwe Unita, rigizwe n'amabara atukura n'ayasa n'urwatsi.

Jonas Savimbi

Ahavuye isanamu, AFP

Igihugu ca Angola cabaye ikiririmbiro ry'ibihugu vyari bihanganye muri ya ntambara y'ukwikekana yiswe "Guerre Froide/Cold War", aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'intwaro karyanishamiryango ya Afrika y'Epfo (Apartheid) vyari bishigikiye Unita na Savimbi wayo.

Ku rundi ruhande, umugambwe wari ku butegetsi MPLA w'umukuru w'igihugu, Jose Eduardo dos Santos, wari ushigikiwe n'igihugu cahoze citwa Leta zunze ubumwe z'Abasoviyeti (Uburusiya) hamwe n'igihugu ca Cuba.

Abantu bashika ibihumbi 500 nibo bazwi ko basize ubuzima muri iyo ntambara yamaze imyaka 27.

Mbega Savimbi yari nde?

Savimbi, yari yataziriwe "isake yirabura" (coq noir/ black rooster) yari umuntu atinyitse cane.

Yagirizwa ivyaha bikomeye vyo mu ntambara, ariko yari umuntu yakundwa cane rwose n'abantu ibihumbi n'ibihumbi.

Isanamu yafashwe kw'igenekerezo rya 1 z'ukwa gatandatu mu mwaka wa 1985 Jonas Savimbi yariko ashikiriza ijambo abarwanyi biwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Isanamu yafashwe kw'igenekerezo rya 1 z'ukwa gatandatu mu mwaka wa 1985 Jonas Savimbi yariko ashikiriza ijambo abarwanyi biwe

Yishwe n'abasirikare ba leta mu mwaka wa 2002, aca ahambwa ningoga na ningoga mw'itongo ry'abapfuye ryo mu gisagara citwa Luena. AFP ivuga ko imva yiwe y'ivu y'umutuku yari ishinzeko umusaraba ukoze mu cuma.

Umuryango wiwe n'abategetsi b'umugambwe Unita bagumye basaba ikiziga ciwe imyaka myinshi kugira bagihambane iteka ariko ntivyakunda.

Ibintu vyagiye gutungana inyuma y'aho umwansi wiwe wo kuva kera, Jose Eduardo dos Santos, atangiye imihoho ku ntebe y'umukuru w'igihugu mu mwaka wa 2017.

Uwamusubiriye, Joao Lourenco, yarabemereye ivyo basaba, ikiziga ciwe kirahamburwa mu ntango z'uno mwaka, habanje kuba ibipimo vya ADN kugira bemeze ko ari we koko.

Durão Sakaíta, umwe mu bahungu bakuru ba Savimbi, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Lusa ko umuryango wiwe ushobora " rero kuba mu mahoro ", inyuma y'ukumushingurana iteka.

Ivyaranze Savimbi

  • Jonas Savimbi yashinze umugambwe Unita mu mwaka wa 1966 mu buseruko bwa Angola
  • Yari aherutse guheba ivyigwa vyiwe vy'ubuganga mu gihugu ca Portugal, yinjira mu rugamba rwo kurondera intahe y'ukwikukira
  • N'aho Angola yaronse iyo ntahe y'ukwikukira mu mwaka wa 1975, Unita yabandanije irwanya leta
  • Savimbi yibona ko ari we mutegetsi wa Angola yarwanya intwaro ya gikomunista
  • Yari ashigikiwe cane na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mbere mu mwaka wa 1986 akaba yarakiriwe n'umukuru w'ico gihugu, Ronald Reagan, mubiro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche
  • Mu mwaka wa 2002, abanyagihugu bo ku mugwa mukuru wa Angola Luanda buzuye umunezero udasanzwe bumvise ko yishwe.