Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyaka 25 yo kwibuka Jenoside yo mu Rwanda
Kuri uyu munsi wa Mungu igenekerezo rya ndwi ukwezi kwa kane 2019, niho Abanyarwanda bugurura indwi yahariwe ukwibuka abaguye muri Jenoside yo mu mwaka wa 1994.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu barenga ibihumbi 800 - cane cane Abatutsi hamwe n'Abahutu b'ivyiyumviro biri hagati na hagati hamwe n'abandi barwanya iyo Jenoside - bagandaguwe mu kiringo kidashika amezi atatu muri uwo mwaka.
Bitegekanijwe ko ivyo bikorwa bitangura isaha zitatu zo mu gatondo mu masaha yo mu Rwanda mu ducimbiri (imidugudu) twose two mu gihugu.
Bamwe mu bashitsi bitavye ivyo bikorwa ni nka:
Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed n'umutambukanyi wiwe, Zinash Tayachew;
Charles Michel, umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi;
Mahamadou Issoufou, umukuru w'igihugu ca Niger;
Denis Sassou N'guesso, umukuru w'igihugu ca Congo Brazaville;
Ismaïl Omar Guelleh, umukuru w'igihugu ca Djibouti;
Julie Payette, guverineri mukuru wa Canada.