Imyaka 25 yo kwibuka Jenoside yo mu Rwanda

Kwibuka 25 ya Jenoside

Ahavuye isanamu, @rbarwanda

Kuri uyu munsi wa Mungu igenekerezo rya ndwi ukwezi kwa kane 2019, niho Abanyarwanda bugurura indwi yahariwe ukwibuka abaguye muri Jenoside yo mu mwaka wa 1994.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu barenga ibihumbi 800 - cane cane Abatutsi hamwe n'Abahutu b'ivyiyumviro biri hagati na hagati hamwe n'abandi barwanya iyo Jenoside - bagandaguwe mu kiringo kidashika amezi atatu muri uwo mwaka.

Bitegekanijwe ko ivyo bikorwa bitangura isaha zitatu zo mu gatondo mu masaha yo mu Rwanda mu ducimbiri (imidugudu) twose two mu gihugu.

Bamwe mu bashitsi bitavye ivyo bikorwa ni nka:

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, Abiy Ahmed n'umutambukanyi wiwe, Zinash Tayachew;

Abiy Ahmed, Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia

Ahavuye isanamu, @rbarwanda

Insiguro y'isanamu, Abiy Ahmed (iburyo), Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia

Charles Michel, umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi;

Charles Michel, umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi

Ahavuye isanamu, @rbarwanda

Insiguro y'isanamu, Charles Michel (iburyo), umushikiranganji wa mbere w'Ububiligi

Mahamadou Issoufou, umukuru w'igihugu ca Niger;

Mahamadou Issoufou, umukuru w'igihugu ca Niger

Ahavuye isanamu, @rbarwanda

Insiguro y'isanamu, Mahamadou Issoufou (ibubamfu), umukuru w'igihugu ca Niger

Denis Sassou N'guesso, umukuru w'igihugu ca Congo Brazaville;

Denis Sassou N'guesso, umukuru w'igihugu ca Congo Brazaville

Ahavuye isanamu, @rbarwanda

Insiguro y'isanamu, Denis Sassou N'guesso (ibubamfu), umukuru w'igihugu ca Congo Brazaville;

Ismaïl Omar Guelleh, umukuru w'igihugu ca Djibouti;

Ismaïl Omar Guelleh, umukuru w'igihugu ca Djibouti

Ahavuye isanamu, @UrugwiroVillage (Rwanda Presidency)

Insiguro y'isanamu, Ismaïl Omar Guelleh (hagati), umukuru w'igihugu ca Djibouti;

Julie Payette, guverineri mukuru wa Canada.

Julie Payette, guverineri mukuru wa Canada

Ahavuye isanamu, @UrugwiroVillage (Rwanda Presidency)