Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 11 basize ubuzima mu gitero ca Al-Shabaab mu gihugu ca Somalia
Abantu 11 nibo basize ubuzima mu gitero cakozwe n'abarwanyi b'umuhari Al-Shabaab ku nyubakwa y'ya leta ya Somalia ku mugwa mukuru Mogadishu.
Abategetsi bavuga ko muri abo bahasize ubuzima harimwo icegera c'umushikiranganji w'abakozi ba leta, Saqar Ibrahim Abdala, hamwe n'abapolisi batari bake.
Abo barwanyi babanje guturitsa ikibombe cari giteze mu modoka, mu nyuma baca binjira mu nyubakwa ikoreramwo ubwo bushikiranganji.
Bivugwa ko abo barwanyi bakoze ico gitero bari batanu, abategetsi bakavuga ko bose bishwe kandi ko ako karere katewe ubu gatekanye.
Umuhari Al-Shabaab urabandanya ukora ibitero mu gisagara ca Mogadishu inyuma y'aho wirukaniwe muri ico gisagara mu mwaka wa 2011.
Ibitero kuri Al-shabaab
Kuva Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ashitse ku butegetsi, ico gihugu carongereje ibitero vy'indege kuri uwo muhari ukorana n'umuhari w'iterabwoba al-Qaeda.
Abategetsi bamenyesha ko Al-Shabaab yongereje ibitero mu gisagara ca Mogadishu mu nzira yo kwihora kuri ivyo bitero vy'indege.
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika buvuga ko Al-Shabaab igifise mu minwe ibice bitari bike vy'igihugu, ikaba kandi ishobora gukora ibitero bikomeye ikoresheje ubwiyahuzi, ibibombe bitegwa, za moritiye n'inkoho ntonto.