Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inuma yo mu Bubirigi ikina umukino wo gusiganwa yaguzwe €1.250.000
Inuma yo mu Bubirigi yitwa Armando ikina umukino wo gusiganwa, yaguzwe amahera menshi atari bwagurwe iyindi, muri camunara yabereye kuri internet.
Ibitangazamakuru vyo mu Bubirigi bivuga ko iyo nyoni y'agaciro kanini, izwi mu Bubirigi nk'iya mbere mu gusiganwa ahantu harehare, yaguzwe n'umushinwa amahera €1.250.000.
Ico kiguzi kirusha ibihumbi amajana ane vy'ama euro ikiguzi kinini cahahora, caguzwe inyoni y'inuma nk'iyo.
Armando ni imwe mu zindi numa zirenga ijana zagurishijwe n'umworozi wazo w'umubirigi azwi cane, Joel Verschoot.
Inuma zisiganwa mu kuzirekurira mu kirere, rimwe na rimwe ku birometero amajana uvuye aho zisanzwe ziba, iyishitse muhira ubwa mbere akaba ari yo itsinda.
Abagura inuma nk'izo bo ku mugabana wa Aziya basigaye barabaye benshi muri ino myaka, bituma uwo mukino usubirana agaciro.