Abitwaje inkoho bishe abantu 49 mu misigiti mu muji wa Christchurch muri New Zealand

Ahavuye isanamu, EPA
Abantu mirongo ine n'icenda bishwe abandi bashika 20 barakomereka igihe barasirwa mu misigiti ibiri mu muji wa Christchurch muri New Zealand.
Umushikiranganji wa mbere Jacinda Ardern yavuze ko ico gitero ari igikorwa c'iterabwoba ngo kandi uyu munsi ni umwe mu "minsi mibi cane" New Zealand imaze kubona.
Umugabo ari mu myaka yegereje mirongo itatu yagirijwe ubwicanyi akazorenguka imbere ya sentare ejo kuwa gatandatu, nk'uko igipilisi cavyemeje.
Abandi bagabo babiri n'umugore umwe bafatiwe hafi y'aho vyabereye, hanafatwa n'inkoho, nk'uko mukuru w'igipolisi Mike Bush yabitangaje.
Yavuze ko umwe muri abo bafashwe mu nyuma yaje kurekurwa, mu gihe abapolisi bariko baratohoza ngo bamenye niba abo bandi babiri hari ico bahuriyeko.

Ahavuye isanamu, Reuters
Igipolisi candi catoye ibiturika vyinshi vyari binyegeje mu muduga w'umwe muri abo bakekwa.
Iki gitero, cagabwe igihe abantu bariko baritabira amasengesho yo kuwa gatanu mu misigiti, nico gihitanye abantu benshi muri kahise k'iki gihugu.
Umugabo yitwaje inkoho yashize amasanamu ikibiriraho (live) kuri Facebook amwerekana ariko arakora iryo bara, akaba yafashwe na kamera yambarwa ku mutwe.
Ayo masanamu amwerekana ariko ararasa adahitamwo abagabo, abagore n'abana, abarasa abegereye mu musigiti wa Al-Noor.
Igipolisi casavye abanyagihugu kudahanahana kuri internet ayo masanamu y'agahomerabunwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Facebook yavuze ko yugaye imbuga za Facebook na Instagram z'uwo mugabo yarashe abo bantu, ngo ikaba kandi iriko iragerageza gukurako amasanamu yose yoba yakoporowe.
Uwo yagirijwe bisa nk'uko yari yashize kuri internet inyandiko zivuga ku vyiyumviro vyiwe, imbere y'uko ici gitero kiba, aho yivuga ko ari umunye Australia w'imyaka 28, agendera ku vyiyumviro vy'intagondwa zidashima abimukira.
Umushikiranganji wa mbere wa Australia, Scott Morrison, yavuze ko uwo muntu ari "intagondwa" y'umukozi w'iterabwoba.










