Mu Burundi OPP1 Nduwimana Prime yahagaritswe yagirizwa kurasa umupfasoni wiwe yamukekako ugukundana n'umukozi wiwe

Umupolisi mukuri OPP1 Nduwimana Prime yagirizwa kwica umupfasoni wiwe kuri uyu kabiri ku mugoroba akoresheje inkoho anakomeretsa n'umwana w'uruyoya yari ahetse yahagaritswe n'abajejwe umutekano.
Ivyo vyabereye mu kigwati ca Kajiji kiri muri zone Kanyosha muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura.
Umupfasoni yishwe ni Hagabimana Louise w'imyaka 36 y'amavuka akaba asize abana batandatu harimwo n'urwo ruyoya rw'ameze umunani.
Igipolisi kivuga ko urwo ruyoya ruriko ruravurirwa mu bitaro vya MSF biri mu gisagara ca Bujumbura.
Ababibonye babwiye BBC ko bapfuye umukozi mushasha w'umukobwa OPP1 Nduwimana yashaka guha akazi mu kabare, umugore wiwe na we aravyanka.
Umwe mu babibonye avuga ati:"Hagabimana Louise yabwiye komiseri (izina bita OPP1 Nduwimana mu kigwati ca Kajiji) ko adakeneye ko uwo mukobwa akora mu kabare kabo, hanyuma komiseri aca yigira ku ruhande abasiga bonyene. Hagabimana yaranakubise uwo mukobwa amakofe abiri mbona.
"Komiseri yarasubiye kwegera ariko baguma bashwana."
Ntahomvukiye Marius arara izamu iruhande y'ahabereye iryo bara yabwiye BBC ko vyose vyabaye abona.
"Vyatanguye isaha 19:30, bivuye ku mukozi w'umukobwa komiseri yazanye, umugore na we akamwanka.
Abandanya avuga ko Hagabimana Louise yabwira umugabo wiwe ko azana umukozi w'umugabo, ko adakeneye umukobwa.
Uwo mupfasoni yagiriza umugabo wiwe ko azanye umuhabara atari umukozi.
Ibintu vyagiye gukomera mu masaha atatu y'ijoro, aho Hagabimana Louise yakubita ikofe uwo mukobwa, OPP1 Nduwimana aca aramurasa.

Ntahomvukiye Marius avuga ati: "Twari kumwe ngaha twese, komiseri afata inkoho yiwe yari afise arasa umugore wiwe barabana. Jewe naciye ngwa hasi, nca numva umugore wiwe ariko aramusaba ikigongwe.
"Mu nyuma numvise ayandi masase yandi ane, umugore na we aboroga."
Abandanya avuga ko Hagabimana Louise yari umwanditsi kuri ECOFO Mutumba, yaciye acikana umwana na we yari ahetse aca arakomereka.
Komiseri ni we yaciye atahana urwo ruyoya muhira, asiga ikiziga c'umugore wiwe ngaho.
Ababanyi n'incuti bavuga iki kuri urwo rupfu?
Igihe ivyo vyaba Kamariza Pascaline, umubanyi, yari yamaze kuryama n'umuryango wiwe. Yabwiye BBC ko yavyuwe n'izo nsoro.
"Twebwe twari twamaze kuryama, tuza twumva urusoro ruravuze. Haheze akanya twumva izindi zine. Twaciye tugira ubwoba, nta n'umwe yasohotse.
"Mu nyuma twumvise abantu bahamagara umenga bariko baragenekereza abapolisi aho izo nkoho zivugiye tubona na twe kuvyuka. Ariko birababaje. „
Uwundi mubanyi atashimye kumenyekana izina yabwiye BBC ko ku musi w'Imana Hagabimana Louise yari yamubwiye ko umugabo yari yamwirukanye, atari yaraye muhira.

Umuvukanyi wa Habarugira Louise, Niyonkuru Modestine amarira yari yamurenze. Yabwiye BBC ko yari yaramugabishije ko azomwica.
"Komiseri yari yaragabishije papa ko azomushikiriza ikiziga c'umukobwa wiwe mu modoka.
"Ariko aho hari kera bagifitaniye abana babiri. Ubu bari bavyaranye abana batandatu. Twari twibaza ko vyaheze.
"Ariko mu gihe c'imigumuko mu 2015, baba mu Buyenzi, yarigeze gushaka kumurasa, ariruka aramusiga, aca arara muri birya bimodoka biri mw'ibarabara. "
Modestine avuga ko bahora bashwana, umuvyeyi wabo akabumvikanisha.
Igipolisi kibivugako iki?
Umuvugizi w'igipolisi c'Uburundi, Pierre Nkurikiye amenyeshaka ko OPP1 Nduwimana Prime afise nimero OPN1286 yamaze guhagarikwa.
Avuga kandi ko inkoho ntoyi yakoresheje mu kwica umupfasoni wiwe hamwe n'iyindi yo mu bwoko bwa KV n'amasoro, vyose vyafashwe.

Aho twashika ku muhana wa OPP1 Nduwimana hari n'abandi bapolisi baje gusaka, bakaba bavuze ko batwaye ibikoresho vy'igipolisi yari atunze.
Nta mwaka wari bwahere aho mu Kajiji nyene hatowe ikiziga c'umupfasoni batazira mama Naomie, catanguye kwononekara, umugabo wiwe yari yamunigiye mu nzu.
Ivyo vyagiye kumenyekana inyuma y'aho hatanguye kubonekera isazi ziriko ziraduma ziva mu nzu yabamwo.
Binjiye basanze umugabo wiwe yari yamuzitse umusegetera mu kanwa mu kumwica.










