Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuzima busa n'ubwahagaze ku mupaka wa Uganda n'u Rwanda warangwa n'uruja n'uruza rw'abantu
Umumenyeshamakuru wa BBC Catherine Byaruhanga akorera mu gihugu ca Uganda yavuze ko iyo ugeze ku mutumba Muhabura uri hagati y'u Rwanda na Uganda, imirimo yakorerwa ku mupaka wa Cyanika isa n'iyahagaze.
Ibiro vya duwane n'ibigenzura uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu biruguruye ku ruhande rwa Uganda, ariko ngo ni abantu bake n'imiduga mike bajabuka baja mu Rwanda.
Mu makuru ava mu butegetsi, leta y'u Rwanda ivuga ko uwo mupaka wuguruye ariko abantu bahari bavuga ko atarivyo.
Amakamyo hamwe n'imiduga igenda ikwegana ivuye muri Uganda itwaye ibidandazwa ntirekuriwe kujabuka.
Abantu benshi babona ko iyo ngingo yoba ituruka ku mwumvikano muke uri hagati y'ibihugu vy'u Rwanda na Uganda.
U Rwanda rwagiriza Uganda gushigikira imigwi y'inyeshamba idaha ni rwere Perezida Paul Kagame na leta yiwe.
Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu wa Uganda, Sam Kutesa yavuze ko ivyo birego ari ikinyoma cambaye ubusa.
Mu bisanzwe umupaka nk'uwo usanga wuzuyeko abavunjayi, abisumamwo n'imiduga yo kwunguruza abantu n'ibintu.
Abanyagihugu bo mu Rwanda baraburiwe n'ababarongoye kutaja muri Uganda kubera ko bahohoterwa, bakaborezwa igufa munyuma bakirukanwa.
Mu vy'ukuri si ukubaburira gusa kuko n'abasirikare b'u Rwanda bararungitswe ku mupaka kubabuza kujabuka.
Bamwe barinjira muri Uganda baciye mu nzira zitemewe n'amategeko.
Amakamyo yo mu gihugu ca Kenya na Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo ararekuriwe kwinjira mu Rwanda.
Eden Ali atwara ikamyo ava muri Kenya, amaze iminsi indwi akwamiye muri Uganda adashobora kwinjira mu Rwanda.
Agendesha imodoka itwara ibitoro, abitwaye mu gihugu ca Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo.
Yabanje aca ku mupaka w'i Gatuna uri ku masaha abiri uvuye aho, asanga warugawe ata muntu abimenyeshejwe.
"Narishe amahera yose akenewe kugira ngo nshobore kujabuka ntwaye ibitoro."
Amahera nari gukorera nayahejeje ndayagura ico mfungura, ubu nkaba nsigaye nera ata n'igiceri mfise co kubandanya urugendo."
Yahavuye abandanya urugendo ku munsi wa kabiri ku mugoroba atazi n'ingene azovyifatamwo.
Hari imiryango icuditse hakuno no hakurya y'umupaka, abanyeshuri bo mu Rwanda bakaba bajabuka kwiga muri Uganda ariko bakaba bamaze indwi yose batiga.
Iyo ngingo yo kwugara umupaka yatumye haduka uruhagarara mu banyagihugu bo ku mpande zompi, bigatuma bamwe mu baganda batinya kuja mu gihugu c'u Rwanda.
Inzira zitatu zinjira mu Rwanda zose zirugaye, umupaka wa Gatuna usanzwe ucako abantu benshi ukaba udahita, ubutegetsi bw'u Rwanda bukavuga ko hari ibikorwa vy'ubwubatsi bibandanya muri kino gihe.
Imiduga itwaye ibidandazwa isabwa gusuzumirwa ahitwa Mirama Hills ariko abakozi bakaba bakora bakarengegwa, mu gihe abadandaza nabo babona ko bakorera guhomba baciye muri iyo nzira ndende ituma basohora amahera menshi.