Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Vyagenze gute igihe Ubuhindi na Pakistani biheruka gushamirana, none ubu ibintu vyifashe gute?
Imishamirano hagati y'ibihugu vy'Ubuhindi na Pakistani, vyompi bifise ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara, irakomeye kandi igenda yiyongera.
Pakistani ivuga ko yakoroye indege zibiri z'ingwano bivuye ku mishamirano iturutse ku ntara ya Kashmir ivyo bihugu bibiri bipfa.
Pakistani ivuga kandi ko yafashe umudereva umwe mu gihe indege imwe yagwa muri ico gihugu.
Igihugu c'Ubuhindi naco kimenyesha ko catakaje indege y'ingwano MiG21 kandi ko n'umudereva wayo yabuzwe irengero.
Ivuga ko iriko ikora itohoza ku makuru avuga ko yoba yarafashwe.
Pakistani irahakana kandi amakuru avugwa n'igihugu c'Ubuhindi ko coba cakoroye indege yayo.
Ivyo bitero vyo mu kirere hejuru y'umurongo ugabura ivyo bihugu wiswe "Line of Control" (LoC) ni ivya mbere bibaye kuva intambara yo mu mwaka wa 1971 yadutse.
Bikurikiye igitero c'intagondwa cabaye muri uku kwezi kwa kabiri mu karere ka Pulwama kari mu gice c'intara ya Kashmir kigenzurwa n'Ubuhindi.
Cahitanye abasirikare 40 b'Ubuhindi, kikaba ari co gitero ca mbere gikomeye ku gisirikakare c'ico gihugu mu myaka 30 iheze hadutse imigumuko mu ntara ya Kashmir mu gihugu c'Ubuhindi.
Umurwi ushigikiwe n'igihugu ca Pakistani niwo wakoze ico gitero.
Umunyamakuru wa BBC Soutik Biswas, ari i New Delhi mu mugwa mukuru w'Ubuhindi, avuga ko icihutirwa ku bihugu vy'Ubuhindi na Pakistani ari uguhagarika iyo mishamirano ibintu bitarayangara.
Muri Pakistani, umushikiranganji wa mbere Imran Khan yashikirije ijambo abanyagihugu aho asaba ko iyo mishamirano ihagarara hakugururwa ibindi biganiro.
Igihe haherukira imishamirano hagati y'Ubuhindi na Pakistani
N'aho buri gihugu kivuga ko kigenzura intara yose ya Kashmir, kimwe kimwe cose kigenzura gusa ibice vyayo, mbere bikaba bimaze kurwana incuro zibiri kuva bironse intahe y'ukwikukira mu mwaka wa 1947 vyikuyeko intwaro y'Ubwongereza.
Imishamirano ya nyuma hagati y'ivyo bihugu bibiri yabaye mu kwezi kw'icenda umwaka wa 2016, mu gihe Ubuhindi bwakora igitero bwise "ibitero vy'indege bidahusha" (surgical strikes) ku barwanyi bari mu gice kigenzurwa na Pakistani c'intara ya Kashmir- naho Pakistani yahakanye ico gitero kivugwa ko cakozwe n'Ubuhindi.
Ubuhindi bwakoze ivyo bitero bwihora ku gitero cari cakozwe ku ngabo zabwo mu gace ka Uri mu gice kigenzurwa n'Ubuhindi c'intara ya Kashmir, kikaba cahitanye abasirikare 19.
Mu ntango z'uyo mwaka mu kwezi kwa mbere, igitero camaze imisi ine ku ngabo zirwanira mu kirere z'igihugu c'Ubuhindi ziri mu gace ka Pathankot - igisagara kiri ku rubibe mu ntara ya Punjab mu Buhindi - cahitanye abasirikare b'Ubuhindi indwi n'intagondwa zitandatu.
Muri ivyo bihe vyose, ivyo bihugu vyarashoboye guhagarika iyo ntambara yatumye haba agahengwe gushika habaye ico gitero mu gace ka Pulwama.
Ico gitero cemanzwe n'umurwi Jaish-e-Mohammad ugendera ku matwara akaze y'idini rya islamu uri mu gihugu ca Pakistani.
N'aho Pakistani yahakanye ko ataruhara yagize muri ico gitero, abategetsi b'Ubuhindi bariyemeje ko bazokora ivyo bashoboye vyose ngo "bigizeyo burundu Pakistani".
Ingene ibintu bimeze mu Buhindi
Umumenyeshamakuru wa BBC i New Delhi, Vineet Khare, avuga ko kuva habaye igitero ca Pulwama, "ishavu riraniga mu Buhindi, aho abanyagihugu bihereje amabarabara bakije amabuji basaba ukwihora".
Mu ndwi ziheze, uyu mumenyeshakuru avuga ko imvugo yiganje mu binyamakuru no mu majambo ashikirizwa n'abanyepolitike yagumye isaba gukingira inyungu z'igihugu.
Ariko mu gihe himirije amatora muri ico gihugu, uyu mumenyeshamakuru avuga ko ata leta n'imwe y'Ubuhindi yokwipfuza kugaragara nk'aho ifise intege nke canke ko yananiwe n'ukurwanya 'iterabwoba'.
"Umunezero wari mwinshi ku mbuga hwaniro ku musi w'ejo aho bumviye ko Ubuhindi bwakoze ibitero vy'indege ku birindiro vy'abo bita Jaish muri Pakistani".
Ariko uwo munezero wahindutse amakenga inyuma y'aho Pakistani itangarije ko yafashe abadereva b'indege b'abahindi babiri - n'aho umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubuhindi n'ayandi makungu yamenyesheje ko umudereva umwe gusa mu bakoze ico gitero ariwe yabuze irengero.
Umumenyeshamakuru Khare avuga ati: "Uwo munezero waciye uhera mu gihe ireresi y'uyo mudereva yasohorwa na Pakistani".
Vyinshi mu binyamakuru vyo hanze bibandanya vyitondera amakuru ashikirizwa na buri gihugu, amakuru yo kubeshuza, be n'ivyagirizi ku makuru y'ibinyoma.
Ingene Pakistani ibona ibiriko biraba
Umushikiranganji wa mbere wa Pakistani yasavye ko haba ituze hagatangura ibiganiro n'Ubuhindi, avuga ko yaba we canke umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi ata n'umwe yipfuza ko ibintu biyangara bihweje ibirwanisho ivyo bihugu bifise.
Avuga ati: "Ari nka hamwe ivyo vyoshika, yaba jewe canke Narendra Modi, nta n'umwe yobihagarika. Dutegerezwa kwicara tukaganira ..."
Umumenyeshamakuru wa BBC Tahir Imran, avuga ko uko ibintu bimeze ahanini muri Pakistani "vyerekana ishaka ryo gukunda igihugu. Ku mbuga hwaniro no mu bimenyeshamakuru hagaragara igisa n'ukurengwa n'igishika".
Avuga ati: "Hari benshi bihagararako kandi bashaka intambara, n'aho bamwe basaba ituze n'ukwigumya".
Imran avuga ko amakuru y'ibinyoma abandanya ahanahanwa ku mbuga hwaniro, rimwe na rimwe akanakoreshwa n'amateleviziyo.
Avuga ko hari amakenga ku bishobora gushika, ariko ko abenshi babona ko iyo mishamirano ishobora guhagarara.
Imran abandanya avuga ko impande zompi zisaba kwigumya.