Intumwa ya Papa mu Bufaransa, Luigi Ventura, yagirizwa ihohotera rifatiye ku gitsina

Ventura

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Musenyeri Ventura asanzwe avuka mu gihugu c'Ubutaliyano

Intumwa ya Papa mu gihugu c'Ubufaransa ariko agirwako amatohoza ku caha c'ihohotera rifatiye ku gitsina.

Musenyeri mukuru Luigi Ventura w'imyaka 74 y'amavuko, yagirizwa kuba yarakubaguye umukozi wo mu biro vy'igisagara ca Paris, mu gihe yari aramutse yitaba ijambo ryashikirizwa abaserukira ibihugu vyabo muri ico gihugu kuwa 17 z'ukwezi kwa mbere.

Ku wa 24 z'ukwezi kwa mbere, ibiro vy'umukuru w'iki gisagara vyaciye vyitwarira uwo musenyeri mukuru yari amaze imyaka 10 aserukira Papa muri ico gihugu, aho bukeye yaciye atangura kugirwako amatohoza.

Bisanzwe ari nk'umugenzo ko abaserukira ibihugu vyabo mu Bufaransa, abarongoye amadini n'abaserukira amashirahamwe adaharanira inyungu za politike bitaba ijambo ry'ukwipfuriza umwaka mushasha rishikirizwa n'umukuru w'igisagara ca Paris.

Umukozi wo mu biro vy'igisagara ca Paris yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko musenyeri mukuru Ventura yakuyakuye birengeje ibisusu vy'umukozi mugenziwe mu gihe yariko amwakira mw'ivyo birori.

Ivyo birego bije vyiyongera ku bindi birego bitari bike ku bakozi ba Ekleziya bagirizwa ivyaha vy'ihohotera rifatiye ku gitsina.

Mu ndwi irangiye, Papa Fransisko yaremeye ko hari ababikira bakubaguwe n'abapatiri, mu gihe mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze hari aba kardinali birukanywe bagirizwa icaha c'ihohotera rifatiye ku gitsina.

Abaserukira musenyeri mukuru Ventura ntibashimye kugira ico bashikiriza ku biraba ico caha yagirizwa.