Perezida Kagame niwe aramutswa EAC

Iyi nama yari imaze gusiba kabiri kose, kuva mu mpera z'umwaka uheze, yitabiriwe n'abakuru b'ibihugu 4 kuri 6 bigize uwo muryango.

Umukuru w'Uburundi n'uwa Sudani y'epfo bo barungitse intumwa.

Intumwa z'Uburundi zari zirongowe n'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu Gaston Sindimwo.

Inama yatangujwe mu mwiherero imara amasaha ashika kuri ane.

Nk'uko vyari bitegekanijwe, hanabaye kubisikanya hagati y'umukuru wa Uganda, Yoweri Museveni na Perezida w'u Rwanda Paul Kagame mu kurongora uwo muryango.

Mw'itangazo ryasomwe n'umunyamabanga mukuru w'uwo muryango bagarutse ku kibazo c'ibiganiro vy'abarundi bavuga ko bategerezwa kwiha umwanya bakazokigarukako mu nyuma.

Kubari biteze ko ivy'ingorane za politike ziri hagati y'u Burundi n' u Rwanda ico ntaco bashoboye kukivugako.

Abakuru b'ibihugu vyo mw'ishirahamwe ry'umuryango wa Afrika y'ubuseruko bahuriye mu nama muri Tanzania mu gihe hari ukwinubana hagati ya bamwe muri bo.

Haciye igihe gito umukuru w'igihugu c'u Burundi amenyesheje ko afata u Rwanda nk'umwansi w'u Burundi.

Ku rundi ruhande, u Rwanda rwidoga ruvuga ko hari abanyagihugu barwo banyuruzwa, bakaborezwa igufa kandi ku buryo butubahirije amategeko iyo bari mu ngendo mu gihugu ca Uganda.Iyi nama yategerezwa kuba yarabaye mu kwezi kwa cumi na kumwe mu mwaka uheze, ariko yarasibijwe u Burundi bumaze kwanka kuyitaba.

U Burundi bwagirije iryo shirahamwe ry'akarere kuba ryiyumanganya ikibazo c'umubabo mubi bufitaniye n'u Rwanda, bukaba mbere bufata ico gihugu nk'umwansi wa mbere mu karere.

Kwagirizanya...

Prezida Nkurunziza w'u Burundi yagiriza mugenzi wiwe w'u Rwanda, Paul Kagame, kuba yarafashije abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi haciye imyaka itatu.

Amwagiriza kandi kuba aha imyimenyerezo hamwe n'uburyo imigwi y'abarwanyi igamije guhungabanya umutekano mu Burundi.

U Rwanda kandi ntirurabana ryiza n'igihugu kibanyi ca Uganda, mu gihe abajejwe intwaro i Kigali bamaze igihe bidogera ibikorwa bihohotera ikiremwa muntu bavuga ko Uganda ikorera abanyarwanda bagiye muri ico gihugu.

U Rwanda kandi rwamye rwiyamiriza ivyagiriji vyose vy'u Burundi, ariko Uganda gushika ubu ntaco irasubiza ku birego vy'u Rwanda.