George W Bush yagemuriye pizza abamucungera umutekano batarahembwa

Uwigeze gutwara igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika George W Bush yagemuriye pizza abamucungera umutekano bamaze igihe badahembwa kubera ingorane za politike ziri muri Amerika.

Mu makuru yashizwe ku mbuga hwaniro ubona Bwana Bush azanye imfungugwa ku bakozi biwe bamugendanira.

Bwana Bush yanditse kuri Instagram ati: "Ni igihe cuko indongozi zo ku mpande zose zishira politike ku ruhande, zikahagarika rino hagarika ry'imirimo ya leta."

Iryo hagarika ry'imirimo ya leta ryinjiye mu ndwi ya Gatanu, rikaba ari irya mbere rirerire mu mateka ya Amerika.

Abakozi 800000 ba leta bari muhira canke bagakora badahembwa bivuye ku ruhagarara rwa politike rwatewe n'umugambi wa Bwana Trump wo kwubaka urubibe rw'uruhome.

Ico gitigiri kirimwo abakora mu gisata c'iperereza aho bivugwa ko 85% vyabo babandanije gukora muri kino gihe.

Bwana Bush ashikirije ibifungugwa abo bakozi biwe inyuma yaho umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi asabiye Perezida Trump kuba aratenyenye gushikiriza ijambo abanyagihugu ku mvo z'umutekano.