George W Bush yagemuriye pizza abamucungera umutekano batarahembwa

Umukuru w'igihugu wa kera George W Bush n'umupfasoni wiwe Laura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo mukuru w'igihugu wa kera yavuze ko we n'umupfasoni wiwe badashobora kwirengagiza abo bose bakora "badahembwa"

Uwigeze gutwara igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika George W Bush yagemuriye pizza abamucungera umutekano bamaze igihe badahembwa kubera ingorane za politike ziri muri Amerika.

Mu makuru yashizwe ku mbuga hwaniro ubona Bwana Bush azanye imfungugwa ku bakozi biwe bamugendanira.

Bwana Bush yanditse kuri Instagram ati: "Ni igihe cuko indongozi zo ku mpande zose zishira politike ku ruhande, zikahagarika rino hagarika ry'imirimo ya leta."

Iryo hagarika ry'imirimo ya leta ryinjiye mu ndwi ya Gatanu, rikaba ari irya mbere rirerire mu mateka ya Amerika.

Abakozi 800000 ba leta bari muhira canke bagakora badahembwa bivuye ku ruhagarara rwa politike rwatewe n'umugambi wa Bwana Trump wo kwubaka urubibe rw'uruhome.

Ico gitigiri kirimwo abakora mu gisata c'iperereza aho bivugwa ko 85% vyabo babandanije gukora muri kino gihe.

Tambuka Instagram ubutumwa
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa

Bwana Bush ashikirije ibifungugwa abo bakozi biwe inyuma yaho umukuru w'inama nshingamateka, Nancy Pelosi asabiye Perezida Trump kuba aratenyenye gushikiriza ijambo abanyagihugu ku mvo z'umutekano.