Abajejwe umutekano bakikuje ibiro vya CENI muri RD Congo

Igipolisi ca Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) gikikuje ibiro vy'akanama kajejwe amatora mu gihugu (CENI) i Kinshasa.

Ibinyamakuru bikorera muri ico gisagara vyavuze ko ari ikimenyetso kw'ibitigiri mfatakibanza vy'amatora bigira bisohoke.

Amabarabara yose aja kuri CENI arugaye, nta modoka zirekuriwe kuyacamwo.

Imodoka y'abamenyeshamakuru ba televiziyo y'igihugu RTNC, ihagaze mu kigo c'ibiro vy'ako kanama kajejwe gutunganya amatora.

Inteko z'umutekano ziguma zizunguruka mu gisagara, zatumye bamwe mu banyagihugu bahitamwo gutaha.

Amaduka n'ibiro bimwe bimwe vyugaye mu gutinya akajagari kohava kaduka igihe ibitigiri mfatakibanza vy'amatora vyoba bitangajwe.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ivuga ko irindiranye igishika itangazwa ry'ivyo bitigiri, ikipfuza ko vyoza vyerekana ukuri kuvuye mu matora.

Mu gihe bizeye ko batsinze, Félix Tshisekedi, Martin Fayulu, umwumwe asaba CENI kwubahiriza aho abanye Congo bashize.

Bijeje Perezida Kabila n'abiwe, igihe ibisikanya ryoba ribaye irya mbere rikozwe mu mahoro ryoba rirangiye.

Ku bw'itororokanirizo ry'amakuru AFP, Félix Tshisekedi ngo yagize ati: "Nta muntu yipfuza kwihora."