Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abitwaje ibigwanisho bishe abasivile 8 mu ntara ya Beni muri RD Congo
Abitwaje ibigwanisho binjiye mu ntara ya Beni mu buseruko bwa Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) bishe abantu 8 b'abasivile.
Benshi mu baguye mw'ico gitero n'abo mu miryango y'abasirikare b'igihugu.
Ico gitero cagabwe muri komine ya Mavivi, mu buraruko bwa Beni, nkuko bivugwa n'umuvugizi wa gisirikare muri iyo ntara.
Igipolisi cari cavuze mu ntango ko hapfuye abantu 8, cavuze mu nyuma ko abapfuye bageze ku bantu 10.
Igisagara hamwe n'intara ya Beni biguma vyibasigwa n'ibitero vy'abagwanyi b'umugwi ADF uturuka mu gihugu c'Ubuganda.
Ico gisagara ca Beni, gisanzwe kivugwamwo indwara y'ikiza ca Ebola, kimaze guhitana abantu amajana.