Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo yatanguje ibitero ku nyeshamba zituruka muri Uganda
Igisirikare ca Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) cavuze ko catanguje ibitero simusiga ku nyeshamba za ADF zo mu Buganda hamwe no ku yindi migwi ikorera mu buseruko bwa Congo.
Hari amakuru avuga ko abasirikare baharugwa mu majana barungitswe mu gisagara ca Beni mu ntara ya Nord Kivu, hasanzwe hari ibiduga vy'ingwano n'ibindi bikoresho vya gisirikare.
Uwo mugwi w'abagwanyi baturuka mu Buganda -- ADF -- warononye vyinshi mu mezi ya vuba, harimwo n'urupfu rw'abasirikare 14 ba Onu baturuka muri Tanzaniya, bafasha gucungera umutekano.
(Nico gitero ca mbere kibi cari gikozwe ku basirikare ba Onu muri Afrika, muri ino myaka 20.)
Igisirikare ca Uganda co mu kirere, kimaze igihe kigaba ibitero ku vyikekwa ko vyoba ibirindiro vya ADF mu buseruko bwa Congo.