Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: abantu barenga 20 bishwe n'inyeshamba
Ubutegetsi bwa RD Congo bwavuze ko umurwi w'abagwanyi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu wo gihugu c'Ubuganda "the Allied Democratic Forces" (ADF), ariwo uri inyuma y'ubwo bwicanyi bwabereye hafi y'igisagara ca Beni ku musi wa gatandatu.
Hari amakuru avuga ko ingabo z'igisirikare ca Congo zoba zarabugizemwo uruhara.
Igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera mu gihe vyikekwa ko hari ibiziga vyinshi mu ishamba riri hafi.
Muri ino myaka ibiri iheze akarere gakikuje Beni kararanzwemwo ubwicanyi bwahitanye amajana y'abasiviles.