Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasivile batari munsi ya 36 biciwe hafi ya Beni
Igisirikare muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo kiravuga ko cyabonye imirambo y'abaturage b'abasivili bagera kuri mirongo itatu n'abatandatu baguye mu gitero mu burasirazuba bw'igihugu.
Ubwo bwicanyi bwabereye mu ijoro ryakeye ku murenge uri hafi y'umujyi wa Beni.
Igisirikare kirakeka cyo bwakozwe n'inyeshyamba zo mu mutwe wa ADF.
Umukuru w'intara ya Kivu ya ruguru yavuze ko abo bantu bishwe bahambiriwe amaboko maze batemagurirwa mu mago yabo no mu mirima yabo.
Igisirikare kiravuga ko izo nyeshyamba zashakaga kwihimura kubera ibitero kigaba kuri zo.
Mu mujyi wa Beni abantu barakaye bakoze imyigaragambyo bamagana icyo bise kutarindwa kw'abaturage b'abasivile.
Izi nyeshyamba zirwanya ubutegetsi bwo muri Uganda zimaze imyaka myishi ziri ku butaka bwa Congo.
Akarere ka Beni guhera muri 2014 kibasiwe n'ubwicanyi bwinshi bwahitanye abaturage b'abasivile babarirwa mu magana.