Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Isengero ryo muri Ghana ryasambuwe pasitori atanze imburi z'urupfu rw'umu Islamu
Urwaruka rwatwawe n'ishavu rwateye isengero ku murwa mukuru wa Ghana, nyuma y'aho pasitori waryo atangiye imburi z'uko umwe mu ba Islam bakomeye muri ico gihugu ashobora gupfa.
Icuma c'umuziki ca orgue, amadirisha hamwe n'intebe vyamenaguwe nyuma y'aho urwo rwaruka rutereye isengero rya pasitori Reverend Isaac Owusu-Bempah mu muji wa Accra.
Mu nyigisho z'iwe zo mw'ijoro rishira ku bunani, uwo mu pasitori yatanze imburi cumi n'umunani zizoshika mu 2019.
Izo mburi zarimwo iyivuga ko hagati y'umukuru wa Islam muri Ghana, Imam Nuhu Sharabutu, n'icegera ciwe Mahamudu Bawumia, umwe muri bo azopfa.
Ako kaguma kadutse Reverend Owusu-Bempah amaze kwanka gusaba ikigongwe kubera ivyo yavuze.
Abapasitori bavuga ko ari abahanuzi bakurikiranwa na benshi muri Afrika, kenshi bagatanga imburi z'ibintu bikomeye, harimwo impfu z'abarongozi.
Hagati aho Imam Sharabutu yiyamirije igitero kuri iryo sengero cagabwe n'urwo rwaruka.