Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indirimbo n'ibiteramo vya Diamond Platnumz vyihanikijwe muri Tanzaniya
Umwe mu baririmvyi bakomeye cane muri Afrika y'ubuseruko - Diamond Platnumz - yabujijwe gutunganya ibiteramo mu gihugu ca Tanzaniya.
Ikigo BASATA ari naco kigenzura ibijanye n'utugenegene muri ico gihugu ca Afrika y'ubuseruko, kivuga ko cafashe iyo ngingo kubera ko yaririmvye ururirimbo rwari rwihanikijwe mu ndwi zahera.
Ku munsi wa Mungu uwo muririmvyi w'umudiho "bongo flava", yaririmvye ururirimbo Mwanza imbere y'isinzi ry'abantu bari bakoraniye ku kivuko c'i Mwanza.
Amakuru ava mu binyamakuru vyo mu karere avuga ko indirimbo 13 z'uwo muririmvyi n'abandi zihanikijwe mu gihugu, ikigo BASATA kikavuga ko zidakurikiza ibisabwa, izindi zikavugwamwo ibiterasoni.
Muri zo harimwo, Hallelujah hamwe na Waka Waka za Diamond Platnumz, Pale Kati Patamu ya Ney wa Mitego, Chura na Nimevurugwa ya Snura n'izindi.
Iyo ngingo yafashwe mu gihe mu mwaka uheze ukwezi kwa 12, Perezida John Magufuli yari yidoze avuga ko indirimbo nyinshi zirimwo amajambo y'ibiterasoni.
Mw'itangazo ry'ikigo BASATA bivugwa ko Diamond Platnumz hamwe n'uwundi muririmvyi Rayvanny babujijwe gukora ibiteramo n'inyuma y'igihugu - naho ritavuga ingene ivyo bizoshigwa mu ngiro.
Mu kwezi guheze kwa 11, umuririmvyi Diamond Platnumz yamenyesheje ku mbuga hwaniro ko asigaye akundana n'umwigeme wo mu gihugu ca Kenya.
Uwo mwigeme aheruka gutwara umutima Diamond, Tanasha Dona, akora mu gisata ca televiziyo i Nairobi muri Kenya.