Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Putin avuga ko Uburusiya buzokora ibisase bikomeye mu gihe Amerika yokwikura mu masezerano abuza ivyo bigwanisho
Prezida Vladimir Putin aragabisha ko Uburusiya bozokora ibigwanisho bibujijwe n'amasezerano y'igihe c'intambara ikanye mu gihe Amerika yokwivana muri ayo masezerano abuza ibigwanisho bikomakomeye.
Ivyo yabivuze inyuma yahoo ishirahamwe ryishinze kuwaniriza umwansi hamwe Otan rinebaguriye Uburusiya ko burenga ku masezerano abuza gukora ibisase bishika kure cane (INF).
Ayo masezerano yashizweko umukono mu 1987 hagati ya Amerika hamwe na URSS yabuza ivyo bihugu vyose ko ari bibiri gukora ibisase bishika hagufi na kure.
Prezida Putin yavuze ko ivyo Otan yagiriza igihugu ciwe ari icitwazo co kugira Amerika yivane muri ayo masezerano.
Muri iryo jambo ryaciye ku mboneshakure, uwo mutegetsi yavuze ko ibihugu vyinshi bikora ibigwanisho vyahagaritswe gukora hishimikijwe ayo masezerano ya INF.
Putin avuga ati:"Ubu biragaragara ko abagenzi bacu Amerika bumva ko ibintu vyahindutse cane ku buryo babona ko na bo bakwiye gutunga ivyo bigwanisho.
"Inyishu yacu n'iyihe? Nta nkeka - Natwe tuzokurikiza iyo nzira."
Mu misi iheze, prezida wa Amerika yaravuze koi co gihugu gishobora kwikura muri ayo masezerano kubera inyifato y'Uburusiya.
Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko Uburusiya bufata ingingo yo gukora ivyo bigwanisho nk'umugambi mwiza wo guteza imbere igisirikare c'ico gihugu kandi ko bitazimvye.
Aho yashika mu nama n'abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu bigize ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, EU, umutegetsi w'iryo shirahamwe ajejwe imigenderanire Federica Mogherini yahamagariye ivyo bihugu ko ari bibiri gushigikira ayo masezerano, yongerako ko "yabaye inking y'amahoro n'umutekano ku mugabane wa Buraya haraciye imyaka 30 ubu."
Otan ivuga iki?
Ku musi wa kabiri, ishirahamwe Otan ryaranebaguye ku mugaragaro Uburusiya ko burenga ku ngingo ziri muri ayo masezerano.
Mw'itangazo iryo shirahamwe ryashikirije rivuga riti:"Abagize iri shirahamwe bose baremeje ko Uburusiya bwakoze ibigwanisho vyo mu bwoko bwa 9M729, biciye kubiro n'amasezerano ya INF, bikaba bishobora gutera icuka kibi mu runani rwa Euro-Atlantic."
Iryo tangazo kandi rivuga ko ibihugu bigize iryo shirahamwe "bishigikiye" ivyo Amerika ivuga ko Uburusiya bwaciye kubiri n'ayo masezeranpo, bigasaba Uburusiya "gufata ingingo yo kuyubahiriza yose uko ari."
Inyuma y'iryo tangazo umushikiranganji w'imigenderanire wa Amerika Mike Pompeo yavuze ko Uburusiya buhawe imisi 60 ngo bube bwatanguye kwubahiriza ayo masezerano kugira Amerika na yo ihagarike imigambi yari ifise.
Yavuze ati:"Muri ico kiringo c'imisi 60 ntituzogerageza ibigwanisho vyacu, gukora canke gukoresha ubuhinga ubwo ari bwo bwose."
Uburusiya buguma buhakana ko butarenze kuri ayo masezerano.