Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca Kongo kimaze iminsi ine gitana mu mitwe n'umugwi w'abarwanyi mu buseruko bw'igihugu
Igisirikare ca Republika ya Demokrasi ya Kongo kivuga ko kimaze iminsi ine gitana mu mitwe n'umugwi w'abarwanyi mu karere k'ubuseruko bw'ico gihugu.
Umuvugizi w'ico gisirikare, Capitaine Dieudonne Kasereka, avuga ko abarwanyi cumi na babiri hamwe n'abasirikare bane bahasize ubuzima.
Iyo mirwano mu karere ka Fizi mu ntara ya Kivu y'ubumanuko irimwo abarwanyi b'umugwi wa William Yakutumba, yahoze ari umu generale mu gisirikare ca Kongo.
Mu mwaka uheze yagerageje guhuza imigwi itandukanye yitwaje ibirwanisho itavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Prezida Joseph Kabila, batera umuji wa Uvira uri hafi y'urubibe rw'u Burundi.
Mu kwezi kwa kabiri, igisirikare ca Kongo cavuze ko uwo mugwi waneshejwe.