Umuziki w'umudiho wa "Reggae" ugiye kuja mu mitungo ndangamuco ya ONU

Umuziki w'umudiho wa "Reggae" watejwe imbere n'abacuraranzi barimwo Bob Marley, ugiye gushigwa ku rutonde rw'imitungo ndangamuco y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, rikipfuza kuwukingira no kuwuteza imbere.

Uwo muzika watanguriye mu gihugu ca Jamaique mu myaka y'i 1960 ku bw'abacuraranzi Toots n'umugwi w'aba Maytals, Peter Tosh na Bob Marley, washizwe kuri urwo rutonde kubera ko ari "itunga ndangamuco ridakogwako".

Unesco ivuga ko umudiho wa Reggae urimwo "ubwenge, politike, inkoramutima, urukundo hamwe n'ukwemera."

Umuvugizi w'igihugu ca Jamaique avuga ko "washitse mu mfuruka zose z'isi."

Reggae yatanguriye mu mazinga ya Caraïbes mu myaka y'i 1960, ivuye mu midiho ya "ska" na "rocksteady", abayitanguje ubwa mbere bakaba bagizwe na Lee Scratch Perry, Prince Buster n'umugwi Wailers, watangujwe na Marley, Tosh na Bunny Wailer.

Reggae yatanguye gukundwa cane muri Leta Zunze ubumwe za Amerika ariko igera kw'isonga mu Bwongereza, ahaba abimukira benshi baturuka muri Jamaique kuva inyuma y'ingwano y'isi yose ya kabiri.

Uwushikiriza ibiganiro kuri BBC 1Xtra, Dave Rodigan, yabwiye radiyo ya BBC ati: "Ndaryohewe cane, ni amakuru aryoshe cane."

"Nakunze uwo muziki nkitangura kuwumva ndi umwana muto."

Igihugu ca Jamaique casavye ko "reggae" ishirwa ku rutonde rw'imitungo ndangamuco ya ONU uno mwaka, mu nama yabereye mu gihugu ca Ile Maurice.

Umushikiranganji w'imico kama mu gihugu ca Jamaique Olivia Grange avuga ati: "Reggae ni umuzika w'umwihariko wa Jamaique."

"Ni umuzika twatanguje, umaze kugera mu mfuruka zose z'isi."

Gishikiriza iyo ngingo, ikigo ca Unesco ("United Nations Educational, Scientific and Cultural Organisation") kivuga ko uwo muziki "waterereye amakungu mu kugwanya akarenganyo, mu kwigisha kwigwanira, gukundana no kugira ubuntu bituma uwo mudiho ubamwo ubwenge, politike, uba nkoramutima kandi ujamwo n'ivy'ukwemera".