Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abimukira batabawe banse kuva mu bwato bwabatwaye muri Libiya
Abimukira mirongo barokowe n'ubwato bw'imizigo mu kiyaga ca Méditerranée, banse kwururuka ubwato bashikanywe ku kivuko co muri Libiya.
Bamwe muribo babwiye abamenyeshamakuru ko bopfuma bapfa hakwururutswa ku gahato muri Libiya, aho bavuga ko bari bagizwe imbohe bongera barahohotegwa n'abakora magendo y'abantu.
Ubwo bwato bwabazanye i Misrata itariki 10 Ukwezi kwa cumi na rimwe, bubakuye mu bwato buto barimwo ku nkengera yo mu burengero bwa Libiya.
Bavuga ko baturuka mu karere ka Afrika ko munsi ya Sahara no muri Aziya yo mu bumanuko.
Abantu 14 barimwo abana ata muntu akuze bari kumwe hamwe n'umugore w'uruyoya baravuye muri ubwo bwato ku munsi wa gatatu, baja gufungigwa mu bibanza vyategekanijwe muri Libiya, ariko nkuko ikinyamakuru co mu gihugu ca Qatar al-Jazeera cabimenyesheje ngo hari hagisigaye abimukira 77 muri ubwo bwato ku munsi w'Imana.
Ishirahamwe ry'abaganga batagira imbibe "Médecins Sans Frontières" (MSF) ririko rivura abahiye "ryibonera ukwihebura" kuri muri abo bantu bakiri mu bwato.
Abo bimukira barokowe n'ubwato bufise amamuko yo muri Panama, Nivin, itariki 8 Ukwezi kwa cumi na rimwe.
Ku bw'itangazo rya ONU ryasubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP, abo bimukira baturuka muri Etiyopiya, Eritreya, Sudani Yepfo, Pakistani, Bangladesh na Somalia.
"Wokwipfuza gute ngo mve muri buno bwato munyuma ngo ngume muri Libiya?", niko umwimukira w'umunya Sudani Biktor w'imyaka 17 yabwiye Reuters mu ntango y'indwi iheze.
"Twumvikanye kuja ahariho hose kiretse muri Libiya."
Biktor avuga ko uwo bavukana hamwe na mugenziwe bose bapfiriye mu minwe y'abagira urudandazwa rwo kujabukana abantu ahitwa Bani Walid, mu bumanuko bwa Tripoli.
Abandi bimukira babwiye al-Jazeera ko bagira ngo batwawe i Malta igihe buriye ubwo bwato bw'imizigo.
"Bose bariko bavuga ko tudashobora kuja hanze dupfume dupfira hano," niko Kai w'imyaka 18, aturuka muri Sudani Yepfo avuga.
Ikigo giharanira agateka ka zina muntu "Amnistie Internationale" cavuze ku munsi wa gatanu, ko abo bantu barokowe bidakwiye ko "bururutswa ubwato ku nguvu ngo bajanwe mu busho bwategekanijwe muri Libiya aho bashobora guhohotegwa no gukoregwa ayandi mabi".
"Mu mategeko mpuzamakungu, nta muntu akwiye kujanwa mu kibanza ubuzima bwiwe bwohava bubangamigwa," niko Amnistie yabandanije ivuga.
Igihugu ca Libiya gikunze gucamwo abimukira aho abakora magendo y'abantu bajabukana abo bimukira babatwara i Buraya.