Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare ya EU yahakanye ibisabwa n'ibihugu bimwe bimwe ku bimukira
Sentare y'umuryango w'ubumwe bwa Buraya (EU) yahakanye imanza zashingishijwe n'ibihugu vya Hongrie na Slovaquie vyiyamiriza umugambi wo kugabangana abimukira binjira ku mugabane wa Buraya.
Igihugu ca Hongrie ntikirigera cemera umwimukira numwe kuva mu 2015, igihe abategetsi b'ibihugu vya Buraya basavye ko abimukira baza i Buraya bogabanganwa.
Ibihugu vya Hongrie na Slovaquie vyaratereye kure ico ciyumviro, bisigura ko amategeko atakurikijwe.
Urubanza ivyo bihugu ukwo ari bibiri vyahavuye bishingisha n'insiguro vyatanze, vyiyamirijwe uno munsi na sentare ya Buraya.
Ivyo vyatumye havyuka agashavu, umushikiranganji w'imigenderanire ya Hongrie avuga ko "Ingwano nyakuri igiye yatangura."
Kuva mu 2014, abantu bababa imiliyoni 1.7 baragerageje kwinjira mu bihugu vy'umuryango wa Buraya- igitigiri cabo gishika kw'isonga mu 2015.
Mu kwezi kw'icenda kw'umwaka uheze, abakuru b'ibihugu vya Buraya bumvikana kugabangana abimukira 160000 ku bihugu vyose bigize umuryango, ku kiringo c'imyaka ibiri.
Ico gihe ibihugu vya Hongrie, Slovaquie, Tchécoslovaquie na Roumanie vyaravyiyamirije.
Hongrie yari yasabwe kwakira abimukira 1294, Slovaquie 802.
Gushika uno munsi, Hongrie yaranse kwakira umuntu numwe, mu gihe Slovaquie imaze kwakira abarenga gato cumi.
Muri uwo mugambi, abantu 28000 gusa nibo bamaze kwakigwa n'ivyo bihugu vya Buraya.
Ni kubera iki Hongrie na Slovaquie bitipfuza kwakira abimukira?
Mu gusaba sentare ngo ifute uwo mugambi, Hongrie na Slovaquie bivuga ko hari amakosa yabaye ku bijanye n'uburyo worangugwa, ko gutanga ibitigiri vy'abantu bamwe n'abandi bokwakira ko atariyo nyishu ibereye.
Hari abategetsi ariko bavuga ko imvo nyamukuru, ari uko uwo mugambi wotuma ivyo bihugu vyinjigwa n'imigwi y'intagondwa z'aba Islamu, yohava ija mu bikorwa vy'iterabwoba, ivyo bigahungabanya abanyagihugu bari batekanye.
Sentare ya Buraya "La Cour Européenne de Justice" yahakanye ibisabwa n'ivyo bihugu, isigura kw'iyo nyishu yafashwe n'ibihugu vya Buraya ku bimukira, ishobora gufasha ibihugu vy'Ubugiriki n'Ubutaliyano guhangana n'ico kibazo.