Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abimukira 100 boba batwawe ku nkengera za Libiya
Umwe mu bagenzura inkengera z'igihugu ca Libiya yavuze ko abimukira 100 bashobora kuba batwawe mu kiyaga ca Méditerranée ku nkengera z'igihugu ca Libiya.
Umukozi arereka abajabukira ku nkengera yavuze ko abantu 14 bonyene aribo bashoboye gutabagwa, nkuko itororokanirizo ry'amakuru Reuters rivuga.
Ubwato barimwo ngo bwari mu mazi y'imikuba myinshi mu karere ko mu buseruko bw'umugwa mukuru Tripoli, ariko ngo ntawuzi neza ivyabaye.
Abimukira benshi bava muri Afrika n'ahandi baca muri Libiya bari mu mato yuzuye akarengwa, bagerageza kuja i Buraya.
Abo bantu batwawe n'amazi mu gihe abategetsi b'ibihugu vya Buraya bemeranije inyuma y'ibiganiro vyatwaye umwanya muremure i Buruseli, gutunganya ibigo vyo kwakira abarondera ubuhungiro mu bihugu vya Buraya.
Bemeye gukorana na Africa, bagaha uburyo ibihugu vya Africa yo mu buraruko vyogosora bikamenya abobandanya i Buraya gushakayo ubuhungiro.
Naho biri uko bisa naho vyogorana ngo ibihugu vya Afrika yo mu buraruko bishinge ivyo bigo vy'impunzi, igihugu ca Maroc kikaba cariyamirije uwo mugambi ku munsi wa kane.