Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abimukira binjira muri Amerika bariyongereye
Amerika yagiye imbere y'u Budagi mu kuba igihugu ca mbere kw'isi abimukira baronderamwo ubuhungiro ari benshi.
Icegeranyo c'umuryango w' ubutunzi n'iterambere kw'isi 0CDE uvuga ko mu 2017 ibitigiri w'abasavye ubuhungiro muri Amerika vyongerekanye gushika 26 kw'ijana bishika ku bihumbi amajana atatu na mirongo itatu mu gihe mu Budage ho bari ibihumbi ijana na mirongo icenda n'umunani.
OCDE ivuga ko hakwiye gukorwa ibishoboka vyose mu gufasha abo bimukira kuronka akazi kugira ngo icuka co kutaronka akazi nticiyongere mu banyagihugu.
Nkuko Donald Trump yasezeraniye abanyagihugu ko agiye guhagarika ibitigiri vy'abimukira muri Amerika, ico cegeranyo cerekana ko abarondera ubuhungiro muri Leta zunze ubumwe za Amerika bashikayo ku bitigiri vyaharuwe bavuye ahanini muri El Salvador, Venezuela na Guatemala.
Ibulaya ivyo bitigiri vyakomeje bigabanuka mu 2016; mu Budagi vyagabanutse gushika kuri 76 kw'ijana mu mwaka uheze.
Ubutaliyano bwakiye abasaba ubuhungiro 127000 , Ubufaransa nabwo 91000.
Umuryango ujejwe ubutunzi n'iterambere umenyesha ko uruhara rw'abimukira mu buzi mu bihugu barimwo vyagabanutse ariko ngo bishobora kugwira mu bihugu nka Autriche n'Ubudagi, aho ibitigiri vy'urwaruka rushaka akazi k'amaboko vyiyongera bigatuma baronka imishahara mito kandi n'ibitigiri vy'abadafise ubuzi biduga.