Ubwato bureruye abimukira 900 bwinjiye mu Butaliyano

Ubwato bureruye abimukira 900 bwashitse kw'izinga rya Sicile mu gihugu c'Ubutaliyano.

Ubwato, Diciotti bucungera inkengera z'igihugu c'Ubutaliyano, bwazanye abimukira bukuye ku nkengera z'igihugu ca Libiya.

Ku munsi wa Mungu Ubutaliyano bwaranse ko ubwato bw'Ubufaransa n'Ubudagi, Aquarius butwaye abimukira, bwinjira ku butaka bwaco bitera uruhagarara.

Ubwato Diciotti bwarekuriwe kwinjira mu Butaliyano kubera ko ari ubw'igihugu c'Ubutaliyano, kandi butwaye abakozi bari mu mirimo ya leta.

Bwabonetse ahitwa Catania ku wa gatatu mu gitondo, butwaye abimukira 937 n'ibiziga vy'abantu babiri bapfiriye mu rugendo.

Aquarius yashikiwe n'ibiki?

Ubwato Aquarius butwaye abantu 629 bugenzugwa n'ishirahamwe ry'Ubufaransa n'Ubudagi "SOS Méditerranée", kandi bukaba bwategerezwa kwemeregwa gutura.

Umushikiranganji mushasha w'intwaro yo hagati mu Butaliyano, Matteo Salvini arongoye n'umugambwe w'intagondwa League yaranse bo butura, yishimikije politike nshasha yiyamiriza abimukira.

Yavuga ko ubutegetsi bwa Malte bwari bukwiye kwemera ko Aquarius itura muri ico gihugu, ariko kiranka kivuga ko ico kibazo kirabwa n'ubutungane bw'igihugu c'Ubutaliyano.

Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Espagne, Pedro Sánchez niwe yaciye yemera kwakira ubwo bwato butwaye abimukira.

Bwagiye buherekejwe n'ubwato bubiri bw'igihugu c'Ubutaliyano, bukaba buzotura ku kivuko ca Valence co muri Espagne ku munsi wa gatandatu, niko SOS Méditerranée yavuze.