Espagne yemeye kwakira abimukira bari ku nkengera z'Ubutaliyano

Ikigo c'abagiraneza kigenzura abimukira 629 bari mu bwato buri mu kiyaga ku ruhande rwa Malte, bavuze ko ubwato bubiri bw'abataliyano buzofasha kubatwara mu gihugu ca Espagne.

Ikigo "SOS Méditerranée" hamwe n'ubutegetsi bwa Espagne bavuze ko ubwato Aquarius bugiye gukikuzwa n'ubwato bw'Ubutaliyano bw'abagenzura ikiyaga hamwe n'ubwato bw'ingwano.

Abo bimukira barokowe bari mu bwato bupompwa impwemu hafi y'igihugu ca Libiya mu mpera z'indwi iheze.

Caba igihugu c'Ubutaliyano canke ubutegetsi bwa Malte, nta gihugu na kimwe cemeye ko ubwo bwato bushika ku butaka bwaco.

Ikigo "SOS Méditerranée" cararungitse amafoto yerekana ibifungugwa bitwawe mu bwato ku munsi wa kabiri.

Imbere yaho abatwaye ubwo bwato bari bamenyesheje ko budashobora gusoza gushika mu gihugu ca Espagne kubera ko butwaye abantu benshi cane, kandi ko ikirere co mu kiyaga kitifashe neza.

Ubutegetsi bw'Ubutaliyano hamwe n'igisirikare co mu mazi ca Malte nibo bashiriye ibifungugwa abo bimukira.

Abacungera ikiyaga ku ruhande rw'Ubutaliyano bavuga ko urwo rugendo ruzobashikana ku kivuko ca Valence ruzofata iminsi ine.

Muri abo bimukira harimwo abagora indwi bibungenze, abana 11 hamwe n'abandi bana 123 batari kumwe n'abavyeyi.

Abaganga batibara imbibe "Medecins Sans Frontières" (MSF) ari nabo bagenzura ubwato SOS Méditerranée, bavuze ko hari abimukira 15 baturiwe n'ubumara abandi bakaba bakanye cane.

Ikigo ca Onu citaho impunzi hamwe n'ishirahamwe rya Buraya basavye Ubutaliyano na Malte gukemura ico kibazo neza.