Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kuvyuka kare vyoba bifasha kwirinda indwara ya kanseri yo mu mabere?
Abagore bavyuka kare "morning people" bahura gake n'ivyago vyo gufatwa na kanseri yo mu mabere, nkuko abashakashatsi bo mu gihugu c'Ubwongereza bavuga.
Umugwi w'abo bashakashatsi bo kuri kaminuza ya Bristol bavuga ko ikibitera kigikenewe kurondegwa.
Uvuga ko ivyatowe bihambaye mu gihe bishobora kugira ico bifashije ku bijanye no gufatwa n'indwara ya kanseri yo mu mabere ku bagore muri rusangi.
Abashakashatsi bavuga ko ico cigwa casohowe mu nama y'i Glasgow cagize ico congereje mu gutegera akamaro k'itiro ku magara y'umuntu.
Isaha y'umubiri
Umuntu wese arafise isaha y'umubiri, igenzura ukwo umubiri ukora ku masaha 24.
Izwi kandi kw'izina rya "rythme circadien".
Yibasira ibintu vyose kuva igihe turyamye, ingene twiyumva no ku vyago vyo gushobora gufatwa n'indwara y'umutima.
Ariko iyo saha ya bose ntitanga igihe kimwe.
Abavyuka kare canke "inyomvyi" bashika aho inguvu zitangura kugabanuka hakiri kare, hakagera ku mugoroba bamaze kuruha.
Abaryama batevye canke "ibihuna" birabagora kuvyuka mu gitondo.
Bakora neza ku mugoroba, kandi bagakunda kuryama batevye.
Bino vyotuma umuntu afatwa na kanseri yo mu mabere?
Abashakashatsi bavuga ko bifitaniye isano na kanseri yo mu mabere.
Bakoresheje uburyo bw'ubwenge bwinshi mu gusuzuma ivyegeranijwe "randomisation mendélienne".
Bafashe amashantiyo 341 ya ADN ashobora gufasha kumenya ko umuntu ari mu mugwi w'"inyomvyi" canke w'"ibihuna".
Bakoreye ivyo batoye mu kubigeragereza ku bagore barenga 180000 bo mu mugambi UK Biobank hamwe no ku bagore bashika hafi 230000 b'ishirahamwe Breast Cancer Association Consortium bakozeko icigwa.
Basanze abari mu mugwi w'inyomvyi bafatwa gake n'indwara ya kanseri yo mu mabere kurusha abari mu mugwi w'ibihuna.
Ivyo vyokwibasira abantu ku ruhe rugero?
Ku bw'ico cigwa umugore umwe ku ndwi mu Bwongereza ashobora gufatwa na kanseri yo mu mabere mu buzima.
Dr Rebecca Richmond, ari muri abo bashakashatsi bo kuri kaminuza ya Bristol, yabwiye BBC: "Ivyatowe ni ngirakamaro kuko itiro ryamaho kandi rihinduka ningoga.
"Mu bushakashatsi buheruka baravye ingaruka zo gukora akazi ku masaha atandukanye, ariko ivyo vyerekana ko hari ikintu gishobora gutuma abagore bose baja mw'izo ngorane."
Imyaka hamwe na kahise k'umuryango, ni zimwe mu mvo zishobora gutuma umuntu afatwa na kanseri yo mu mabere.
Ku bw'ikigo c'ubushakashatsi bw'indwara ya kanseri Cancer Research UK, ica kane c'izo ndwara, zoshoboye kwirindwa.
Gusinzira neza vyomfasha kwirinda indwara ya kanseri yo mu mabere?
Ntivyoroshe.
Dr Richmond asanga hakiri kare gushobora guha abagore impanuro zirashe ku vyerekeye ivyo.
"Dutegerezwa kubanza kumenya igituma umuntu aryama atevye ariwe yogwa mu vyago kurusha uwuvyuka kare...dutegerezwa kubitandukanya."
Vyoba bituruka kuri iyo saha y'umubiri?
Abo mu mugwi w'"Ibihuna" boba hari ivyo bonona iyo batubahirije isaha y'umubiri barondera kuvyuka ngo baje ku kazi?
Isaha y'umubiri hari ico yoba ihindura mu mubiri ku vyago vyo gufatwa na kanseri canke ku kungene umubiri wikingira?
Haracari ibibazo vyinshi bitaratoregwa inyishu.
Abo bashakashatsi bobabari mu kuri?
Ubuhinga nta na rimwe buba bwo 100%, ariko ivyo bihimiriza kubandanya ubushakashatsi.
Ikigo ca Onu kigenzura amagara y'abantu "Organisation mondiale de la santé" cemeza ko guhindagura isaha y'umubiri kubera akazi bishobora gutera indwara ya kanseri.