Umugabo wa Asia Bibi yagirizwa gutuka intumwa Muhammad ariko arasaba ubuhungiro.

Ahavuye isanamu, EPA
Umugabo w'umunye Pakistani w'umukristu yagizwe umwere ku caha co gutuka intumwa Muhammad inyuma y'imyaka umunani aciriwe igihano co gupfa ariko arasaba ubuhungiro mu Bwongereza, Amerika na Canada.
Umugabo wa Asia Bibi, Ashiq Masih, yavuze ko bageramiwe mu gihugu ca Pakistani.
Sentare ntahinyuzwa yahinduye urubanza rwari rwaciwe ku musi wa gatatu, ivuga ko ivyafatiweko bidahagije. Ariko gusjika ubu ntararekurwa.
Ukugirwa umwere kwiwe kwatumye haba imyiyerekano, reta na yo ubu ikaba yiyemeje kumubuza gusohoka igihugu.
Ku musi wa gatandatu, uwumuburanira, Saif Mulook, yarahunze avuga ko atinyirira ubuzima bwiwe.
Asia Norren - azwi kw'izina rya Asia Bibi - yaciriwe urubanza mu 2010 yagirizwa gutuka intumwa Muhammad igihe yariko arashwana n'ababanyi.
Ibihugu vyinshi vyaramwemereye ubuhungiro.
Umugabo wiwe avuga iki?
Mu butumwa bwo kuri video, Masih yavuze atanyirira umutekano w'umuryango wiwe.
Yavuze ati:"Ndasaba umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza kudufasha, agire uko ashoboye kose turonke umwidegemvyo."
Yanahamagariye abakuru b'ibihugu vya Canada na Amerika ngo bimufashe.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu kiganiro yagiranye n'iradiyo y'abadagi DW, yavuze ko we n'umuryango wiwe bariko "baraterwa ubwoba" inyuma y'aho abategetsi ba Pakistani bagiriraniye amasezerano n'umugambwe wa Tehreek-i-Labaik (TLP) guhagarika imyiyerekano mugabo Asia Bibi nawe akareka kwezwa.
Uretse uwo mwumvikano, abategetsi bagiye gutangura igikorwa co kubuza ko asohoka ico gihugu.
Reta kandi ntizobuza abagira imyiyerekekano hakurikijwe amategeko yo kwiyamiriza ingingo ya sentare ntahinyuzwa yo kumurekura.
Masih yabwiye DW ati:"Uwo mwumvikano wambabaje cane. Sivyo gukoresha imyiyerekano kugira utere igitsure ubutungane."
"Ibiriko biraba biraduteye ubwoba. Nta mutekano dufise kandi tuguma twinyegeza aha na hariya, duhindagura ibibanza."
Yongeyeko ati:"Umupfasoni wanje, Asia Bibi, aramaze kubabara bikwiye. Amaze imyaka 10 mw'ibohero. Abakobwa banje bari barindiranye igishika ko arekurwa, none ibi bigiye gutuma abandanya gupfungwa.
Umushingamateka w'umwongereza Tom Tugendhat arongoye umugwi uraba ivyo imigenderanire mu nama nshingamateka, yavuze ko yasavye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu "kwihweza vyihuta uko ibintu vyifashe", nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru the Guardien.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Hagati aho, umushikiranganji wa Pakistani ajejwe kumenyesha amakuru Fawad Chaudry yabwiye BBC ko umutekano wongerejwe mu ntumbero yo gukingira Asia Bibi.
Mu kiganiro ca BBC ca Newshour yavuze ati:"Ego hari ibibazo turiko turabikorerako, ariko ndabijeje ko ubuzima bwiwe butabangamiwe."
Yavuze ko amasezerano bagiranye n'abari mu myiyerekano ari nka "kizimyamwoto", avuga ko yafashije " gutora inyishu bidaciye mu nguvu."











