Amerika ifashanije na reta ya Somalia yishe aba al-Shabab 60 mu gitero c'indege

Abasirikare ba Amerika barishe abagwanyi ba al-Shabab mu gitero c'indege ku wa gatanu guheze i Harardere hagati mu gihugu ca Somalia, nk'uko biri mw'itangazo ry'ico gihugu.
Igisirikare kivuga ko ico "gitero kidahusha c'indege" cakozwe bafashanije na reta ya Somalia nta munyagihugu asanzwe cahitanye.
Bavuze ko ari "igitero gikomeye c'indege kigizwe kuri al-Shabab" mu kiringo cababa umwaka.

Ahavuye isanamu, Twitter
Mu kwezi kwa cumi na rimwe kw'umwaka uheze, Amerika yavuze ko yishe "abitwaza iterabwoba 100".






