Umugabo umwe yishwe igihe Somalia yariko iribuka igitero ca bombe cahitanye abantu benshi

Umugabo umwe yahamwe n'icaha co kugira uruhara mu gitero ca bombe ca mbere cahitanye abantu bnshi muri kahise ka Somalia yishwe ku ncuro ya mbere hibukwa ico gitero.
Hassan Adan Isak ni we yari atwaye imwe mu modoka yagize uruhara muri ico gitero ku mugwa mukuru Mogadishu, nk'uko sentare yaciye urubanza.
Abantu bababa 600 barishwe igihe ikamyo yuzuye ibintu biturika yaturikira kuri imwe mu mayirabiri hakunze kuba haca abantu benshi muri ico gisagara.
Ibirori vyo kwibuka ico gitero vyabereye muri ico kibanza nyene ku wa mungu.
Haciye hatazirwa izi ry'uwa 14 ukwezi kwa cumi mu kwibuka abahaguye.

Ahavuye isanamu, Reuters
Nta mugwi n'umwe wiyitiriye ico gitero, n'aho ibimenyeshamakuru bivuga ko ibimenyetso vyose vyerekana ko ari abagwanyi ba al-Shabab.
Ku musi wa gatandatu ku mugoroba abiyahuzi babiri bitwaje bombe bishe abantu 20 mu gisagara ca Baidoa, mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu. Abandi barenga mirongo ibiri barakomeretse.
Al-Shabab yamenyesheje ko ari yo yagize ico gitero.

Hagati aho, ingege ya mbere y'ubudandaji hagati y'umugwi mukuru wa Ethiopia Addis Abeba na Mogadishu, yashitse muri ico gisagara inyuma y'imyaka 41 iheze.
Indege ya Ethiopia Nationsl Airways yaguye ku kibuga mpuzamakungu ca Somalia, Aden Adde, ku musi wa gatandatu, iya mbere kuri zine zitegekanijwe buri ndwi.
N'ikindi kimenyetso kije kwerekana ko hariho akarusho mu migenderanire ivyo bihugu bibanyi vyo mw'ihembe rya Afrika iriko iratera imbere.

Ahavuye isanamu, AFP










