Umugabo umwe yishwe igihe Somalia yariko iribuka igitero ca bombe cahitanye abantu benshi

Abantu amajana n'amajana bari baje kwibuka umwaka uheze habaye igitero cahitanye abantu benshi muri kahise ka Somalia
Insiguro y'isanamu, Abantu amajana n'amajana bari baje kwibuka umwaka uheze habaye igitero cahitanye abantu benshi muri kahise ka Somalia

Umugabo umwe yahamwe n'icaha co kugira uruhara mu gitero ca bombe ca mbere cahitanye abantu bnshi muri kahise ka Somalia yishwe ku ncuro ya mbere hibukwa ico gitero.

Hassan Adan Isak ni we yari atwaye imwe mu modoka yagize uruhara muri ico gitero ku mugwa mukuru Mogadishu, nk'uko sentare yaciye urubanza.

Abantu bababa 600 barishwe igihe ikamyo yuzuye ibintu biturika yaturikira kuri imwe mu mayirabiri hakunze kuba haca abantu benshi muri ico gisagara.

Ibirori vyo kwibuka ico gitero vyabereye muri ico kibanza nyene ku wa mungu.

Haciye hatazirwa izi ry'uwa 14 ukwezi kwa cumi mu kwibuka abahaguye.

A general view shows the scene of an explosion in KM4 street in the Hodan district of Mogadishu, Somalia October 14, 2017

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ikamyo yuzuye ibintu biturika yishe abantu bababa 600 i Mogadishu itariki 14 z'ukwezi kwa cumi mu 2017

Nta mugwi n'umwe wiyitiriye ico gitero, n'aho ibimenyeshamakuru bivuga ko ibimenyetso vyose vyerekana ko ari abagwanyi ba al-Shabab.

Ku musi wa gatandatu ku mugoroba abiyahuzi babiri bitwaje bombe bishe abantu 20 mu gisagara ca Baidoa, mu bumanuko bushira uburengero bw'igihugu. Abandi barenga mirongo ibiri barakomeretse.

Al-Shabab yamenyesheje ko ari yo yagize ico gitero.

Bamwe mu bitabiriye umusi w'itariki 14 ukwezi kwa cumi wo kwibuka abantu bababa 600 bahitanywe n'igitero ca bombe i Mogadishu

Hagati aho, ingege ya mbere y'ubudandaji hagati y'umugwi mukuru wa Ethiopia Addis Abeba na Mogadishu, yashitse muri ico gisagara inyuma y'imyaka 41 iheze.

Indege ya Ethiopia Nationsl Airways yaguye ku kibuga mpuzamakungu ca Somalia, Aden Adde, ku musi wa gatandatu, iya mbere kuri zine zitegekanijwe buri ndwi.

N'ikindi kimenyetso kije kwerekana ko hariho akarusho mu migenderanire ivyo bihugu bibanyi vyo mw'ihembe rya Afrika iriko iratera imbere.

Mayor of Mogadishu, Abdirahman Omar Osman (3rd L), and CEO of Ethiopias National Airways, Abera Lemi (3rd R), celebrate after the first commercial flight by National Airways linking Addis Ababa to Mogadishu in 41 years landed at Aden Abdulle international airport in Mogadishu, on October 13, 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ukuza kw'iyo ndege kwiginywe n'abategetsi bo muri Somalia hamwe n'uwurongoye iyo kompanyi y'indege yo muri Ethiopia