Ubushinwa bwamenyesheje ko ari bwo bwahagaritse umukuru wa Interpol Meng Hongwei yari yaburiwe irengero

Meng Hongwei

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Meng Hongwei ni umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru mu mugambwe w'abakominitse

Ubushinwa bwamenyesheje ko ari bwo bwahagaritse umukuru wa Interpol Meng Hongwei yari yaburiwe irengero.

Ico gihugu kivuga ko yariko aragurwako amatohoza n'akanama kajejwe kugwanya igiturire muri ico gihugu mu kuraba ko yarenze amategeko.

Meng, asanzwe ari icegera c'umushikiranganji ajejwe umutekano w'igihugu, vyavuzwe ko yaburiwe irengero inyuma yo kuva mu gisagara ca Lyon mu Bufaransa, ahari icicaro ca Interpol agana mu Bushinwa itariki 25 ukwezi kw'icenda.

Interpol ivuga ko yaronse ikete ryiwe ryo gutanga imihoho rivuye mu biro vy'umukuru w'igihugu.

Umuryango wiwe ntibaravugana kuva avuye ku cicaro gikuru ca Interpol mu Bufaransa.

Ikinyamakuru ca South China Morning Post canditse inkuru zivuga ko Meng w'imyaka 64 yajanywe kubarizwa mu gihugu c'Ubushinwa.

Ntibiramenyekana igitima yariko aragirwako amatohoza n'abajejwe inyifato nziza canke aho yoba yari apfungiwe.

Mu ntango z'iyi ndwi, umukinyi wa filime Fan Bingbin yari yaburiwe irengero ari mu Bushinwa, yagaragaye asaba ikigongwe, acibwa n'amande imiliyoni 129 azira kutariha ikori hamwe n'ayandi makosa.

Meng Hongwei ni nde?

Meng Hongwei. File photo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Meng Hongwe

Yatowe ngo arongore Interpol mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2016, akaba yabaye umushinwa wa mbere agiye muri ico kibanza, akaba yategerezwa kurangiza ikiringo ciwe mu 2020.

Ni we mukuru wa komite nkuru y'iryo shirahamwe ifata ngingo zose ziryerekeye.

Imbere y'uko ashingwa ayo mabanga, Meng yari icegera c'umushikiranganji aejwe umutekano w'igihugu, kandi aracari umuyoboke akomeye cane afise n'amabanga mu mugambwe w'abakoministe.

Ni inzobere mu vyo amategeko amazemwo imyaka irenga 40 mu Bushinwa na cane cane mu kugwanya ibiyovyabwenge, iterabwoba no gukingira imbibe.

Amaze gutorerwa ayo mabanga, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yarerekanye amakenga ko ashobora gukoresha ikibanza arimwo mu kurondera gufata abahunze Ubushinwa kubera imvo za politike.