Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwagiriza Cristiano Ronaldo ko yamufashe ku nguvu 'yahawe inguvu n'isekeza rya #MeToo'
Kathryn Mayorga, yahoze ari umwigisha yagiriza umukinyi w'umupira Cristiano Ronaldo kumufata ku nguvu mu 2009, yahawe inguvu yo kuvuga ivyamushikiye n'isekeza rya #MeToo nk'uko bivugwa n'uwumuburanira.
Leslie Stovall avuga ati:"Isekeza rya MeToo n'abapfasoni bavuye hasi bariyamiriza ifatwa ku nguvu vyarahaye inguvu nyinshi Kathryn."
Ronaldo arahakana "yivuye inyuma" ko yafashe ku nguvu umupfasoni Mayorga mw'ihoteli y'i Las Vegas.
Yabivuze imbere y'uko abamuburanira batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku musi wa gatatu.
Uwo mukinyi w'imbere wa Juventus w'imyaka 33, yavuze ko aremye "ku matohoza yose " kuko ata co yiyagiriza kuri ivyo bimuvugwako.
Uwuburanira umupfasoni Mayorga avuga iki?
Umupfasoni Mayorga ntiyaje muri ico kiganiro. Uwumuburanira, Stovall, yavuze ko yavuye i Las Vegas kugira yinyegeze ibimenyeshamakuru.
Yabwiye abamenyeshamakuru ati:"Yafashe ingingo ubwiwe bwo kutiyereka ibimenyeshamakuru, ashima kutaja ahagaragara kubera bitamukundira kwihangana. Si ibintu bishimishije kuri we."
Mu birego vyiwe, Mayorga avuga ko yahuriye na Cristiano Ronaldo mu kavyiniro kitwa Rain mw'ihoteri ya Palms na Casino, aca amufatira ku nguvu mu cumba ciza yari yashikiyemwo.
Stovall avuga ko uwaburanira yagize ingorane nyinshi mu mutwe akaba yarigeze kwiyumvira no kwiyahura kuva afashwe ku nguvu haraciye imyaka hafi cumi.
Umuganga w'ingwara zo mu mutwe akaba yasanze Mayorga afise ingwara ya "Post-traumatic stress disorder".
Uwo mushingwamanza avuga ko Ronaldo afise imisi mirongo ibiri kugira yishure kuvyp Mayorga amurega. Umugwi umuburanira utegekanya gushira ahabona ibigaragaza ivyashitse, harimwo n'icegeranyo ca mbere c'igipolisi hamwe n'ico kwa muganga.
Ronaldo yishuye ngw'iki?
Uwo mukinyi nserukiragihugu wa Portugal yari yabanje kuvuga ko ivyo bimuvugwako vyatanguye kwandikwa ubwa mbere n'ikinyamakuru co mu Budagi ca Der Spiegel, ari "irementanya".
Ku musi wa gatatu, yarasohoye itangazo ku rubuga rwiwe rwa Twitter:
Ikinyamakuru ca Der Spiegel canditse ko Mayorga w'imyaka 34 yituye igipolisi ca Las Vegas inyuma gato y'aho ivyo bibereye.
Ariko umwaka ukurikira, bivugwa ko bumvikanye na Ronaldo ku masezerano yo kumuha ibihumbi 375.000 vy'amadolari kugira ntazobishire ahagaragara.
Abamuburanira ubu bashaka gutesha agaciro amasezerano yo kutabishira ahabona.
Igipolisi ca Las Vegas caremeje ku musi wa kabiri ko bagize amatohoza kuri ivyo birego ubwa mbere mu 2009, ariko ko atawagirizwa yarimwo.
Mw'itangazo bavuga bati:"Ico gihe harafashwe icegeranyo, uwokorewe icaha ariko ntiyabwiye abariko barabikurikirana ikibanza vyabereyemwo n'uwabikoze."
Bongerako ko:"Igihe urwo rubanza rwongera kwugururwa mu kwezi kw'icenda mu 2018, abandi bapolisi baciye batangura kurukurikirana bafatiye ku nkuru bariko barahabwa."
Ababuranira Ronaldo baheruka kumenyesha ko bazokurikirana mu butungane ikinyamakuru Der Spiegel kubera ivyo canditse.