Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuganga wo muri Sudani Yepfo yegukanye agashimwe Nansen Refugee Award
Igisata ca Onu citaho impunzi (HCR) cahisemwo umuganga abaga muri Sudani Yepfo, Dr Evan Atar, aba ariwe atsindira agashimwe Nansen Refugee Award.
Ako gashimwe gahabwa umuntu ico gisata kivuga ko yarengeye imirimo yiwe, agafasha abanyagihugu bakuwe mu ngo zabo.
Dogiteri Atar niwe arongoye ibitaro biri mu ntara ya Bunj mu buraruko bushira ubuseruko bwa Sudani yo mu bumanuko, ari navyo vyonyene bikora muri ako karere.
Ivyo bitaro bifasha abanyagihugu bagera ku 250000.
Uwo muganga azohabwa agashimwe k'amahera y'amadolari $150000, ngo atanguze umushinga uzoza wunganira ivyo amaze kurangura.
BBC yaraganiriye na Dr Atar ku bijanye n'akazi kiwe.
Muri ico kiganiro, Dr Atar avuga ko abaga abagwayi 15 ku ndwi. Ngo birashika agakora amasaha 48 ataruhuka, agerageza kurokora ubuzima bw'abanyagihugu.
Uwo muganga akorera mu gace kangana n'igihugu c'Ubuswisi, avuga ko iyo ivyo bitaro bitabaho, abantu benshi baba baracikanye.
Ako karere karimwo impunzi 144000, zikunda igikorwa c'uwo muganga, zimwe murizo zikavuga ko atuma bagira icizere.
Muganga Atar nawe nyene arashima ivyo amaze gushikako: "Iyo mbona ibikorwa naranguye, nkabona n'ubuzima maze kurokora, birampimbara."
Umutekano muke n'ingwano bihitiye muri Sudani Yepfo, vyatumye abanyagihugu barenga imiliyoni zibiri bahungira mu gihugu hagati, abandi baja gusaba ubuhungiro mu bihugu bibanyi.