Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impunzi za Sudani Yepfo ngo zarakorewe amabi ashingiye ku gitsina
Mw'itohoza ryakozwe ku mpunzi zituruka muri Sudani Yepfo zahungiye mu gihugu ca Uganda, hatowe ku bice birenga 20% vy'abagore no ku bice 4% vy'abagabo babajijwe, ko basambanishijwe ku nguvu.
Amabi ashingiye ku gitsina na cane cane ayakorewe abagabo ntakunze gushigwa ahabona, abakoze itohoza bakavuga ko ibitigiri bishobora kuba biri hejuru kurusha.
Ibice bishika 40% vyayo mabi yo gusambanya ku nguvu, ashigwa ku gatwe k'abasirikare ba leta ya Sudani Yepfo.
Ikigo "Refugee Law Project" cakoze iryo tohoza, cavugishije impunzi zababa igihumbi.
Hafi umuliyoni w'abanya Sudani Yepfo bahungiye ingwano mu gihugu kibanyi ca Uganda, benshi bakaba bashitseyo mu mwaka uheze.