Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igikorwa cyo gushakisha imibiri y'abazize jenoside mu mujyi wa Kigali kimaze kubona imibiri 18000
Amakuru atangazwa n'inzego z'ubutegetsi mu mujyi wa Kigali, aravuga ko mu gikorwa cyo gushakisha abantu bazize jenoside yabaye muri 94 hafi y'umujyi wa Kigali, hamaze kuboneka imibiri ibihumbi 18.
Abategetsi baravuga ko myinshi itabururwa mu byobo rusange, indi ikaboneka mu mazu yubatse.
BBC yavuganye na Steven Rwamukwaya, umuyobozi w'umujyi wa Kigali, yatangiye asobanura uko bamenye amakuru y'iyo mibiri nyuma y'imyaka 24 jenoside ibaye.