Urubibe ruri hagati ya Ethiopia na Eritrea rugiye kwugururwa inyuma y'imyaka 20

Leaders of Ethiopia and Eritrea embrace

Ahavuye isanamu, @hawelti

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed (i bubamfu) na prezida Isaias Afwerki bashize umukono ku masezerano y'amahoro mu kwezi kw'indwi

Urubibe ivyo bihugu vyahora bidacana uwaka bihurirako rurugururwa mu gihe ivyo bihugu bibandanya kunagura imigenderanire inyuma y'imyaka 20 rwugaye kubera intambara.

Ico kibanza kiri ku rubibe mu buraruko bw'iigisagara ca Zalambessa muri Ethiopia, kiri kw'ibarabara rikuru rihuza ivyo bihugu bibiri.

Abategetsi ba Ethiopia na Eritrea ni yo bari kwirabira ingene hugururwa icese, ikaba ari kindi kintu cerekana ugusubiza hamwe kubandanya.

Bije bikurikira amasezerano y'amahoro yo mu kwezi kw'indwi yatumye hasubira kuba imigenderanire hamwe no guhanahana ibidandazwa.

Intambara yabereye muri ico kibanza kiri hagati ya Ethiopia na Eritrea yatanguye mu kwezi kwa gatanu mu 1998, ihitana abantu ibihumbi n'ibihumbi.

Yarangiye mu mwaka 2000 habaye amasezerano yashiriweko umukono i Algiers.

Ariko amahoro ntiyaciye agaruka kuko Ethiopia yanse kwemera urubibe rushasha rwashinzwe n'akanama kari kanshinzwe hishimikijwe ayo masezerano.

Map showing Ethiopia and Eritrea

Ukugururwa k'urwo rubibe bisigura iki?

Imiryango yatanye kubera iyo ntambara bazoshobora kujabuka baze baragenderanira inyuma y'imyaka irenga 20.

Eritrea yiyonkoye kuri Ethiopia mu 1991 ariko abantu bagize umuryango umwe babandanije kuba ku mpande zose z'urwo rubibe mu gihe ivyo biugu vyari bifitaniye imigenderanire myiza gushika mu 1998.

Yonas Fesseha aba i Zalambessa yabwiye BBC igisata ca Tigrinya ko nyina wiwe na benewabo barindiriye ko babonana ubwa mbere mu myaka 20. Nyina wiwe yumva ko ari indoto igihe yumva iyo nkuru ko urwo rubibe rugiye kwugururwa.

Yavuze ko muri ico gisagara bisa n'uko hariko haraba imisi mikuru.

Friends and relatives split up by the war met were reunited when Ethiopia-Eritrea flights resumed in July.

Senait Zaro, reacts as she meets her family for the first time in fifteen years, at Asmara International Airport, who arrived aboard the Ethiopian Airlines ET314 flight in Asmara, Eritrea July 18, 2018

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Incuti n'abagenzi baburanye kubera intambara barasubiye kubonana igihe hasubira kuba uruja n'uruza hagati ya Ethiopia na Eritrea hakoreshejwe indege mu kwezi kw'indwi

Iyo nzira y'i Zalambessa iri kw'ibarabara ritwara ibidandazwa rifatanya umugwa mukuru w'akarere kari mu buraruko bwa Ethiopia ka Tigray hamwe n'umugwa mukuru wa Eritrea, Asmara.

Iyugarwa ry'urwo rubibe ryaragize ingaruka mbi ku budandaji, bituma ubutunzi bw'uturere turi kuri urwo rubibe businzikara.