Prezida wa Eritrea Isaias Afwerki yagize urugendo rw'akataraboneka muri Ethiopia

Ahavuye isanamu, Fitsum Aregga
Prezida wa Eritrea Isaias Afwerki ariko aragendera Ethiopia ubwa mbere kuva bitanye mu mitwe bipfa urubibe mu 1998.
Urwo rugendo rufise intumbero yo gutsimbataza imigenderanire inyuma y'aho ivyo bihugu bibiri bimenyeshereje ko intambara yarangiye.
Amasezerano yo guhagarika intambara y'urubibe bihana yabaye hagati ya 1998-2000 ntiyigeze ashirwa mu ngiro na rimwe, kandi hagumye hari imishamirano hagati y'ivyo bihugu bibiri kuva ico gihe.
Ivyo bihugu kandi vyaremeranije gusubira kugiriranira ubucuti mu guhanahana ababiserukira hamwe no mu budandaji.

Ahavuye isanamu, Fitsum Aregga
Urugendo rwa prezida Afwerki n'imwe mu ntambwe zigana ku gusubiza hamwe hagati y'ivyo bihugu bibiri vyahora vyankana urunuka.
Kuva ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa kane, umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yaramenyesheje ibintu vyinshi agiye guhindura, anavuga ko bagiye gusubira kugiriranira imigenderanire na Eritrea.
Mu misi iheze, Abiy yaragiye ku mugwa mukuru wa Eritrea, ashira umukono ku masezerano yo kurangiza intambara.











