Amerika yahagaritse guha 'Visa' abagirizwa igiturire muri Congo

Igisata ca reta ya Amerika kijejwe imigenderanire cahagaritse guha uruhushwa rwo kwinjiras muri ico gihugu abategetsi ba RDC bagirizwa igiturire canke amanyanga mu matora.

Amerika yanse gushira ahagaragara abo iryo tegeko ryega, ariko ivuga ko ikimenyetso gikomeye ico gihugu gushatse kwrekana ko gishaka gufasha mu kugwanya igiturire no gushigikira amatora yizewe na bose.

Igihugu ca RDC citeguriye amatora yagiye arasiba mu kwezi kwa cumi na kabiri, aho hazotorwa uwuzosubirira prezida Joseph Kabila.

Ikiringo ciwe ca kabiri ari co ca nyuma carangiye mu 2016 ariko benshi bakeka ko ashaka kuguma ku butegetsi.