Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburaya na Amerika bafatiye ibihano RDC
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya na Amerika bafatiye ibihano abategetsi bakuru ba RDC bazira ubwicanyi bw’abari mu myiyerekano biyamiriza ko Prezida Kabira aguma ku butegetsi.
Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya yashize ku rutonde abategetsi indwi harimwo abakuru ba gisirikare n’igipolisi hamwe n’uwurongoye ingabo zicungera umukuru w’igihugu Joseph Kabira.
Amerika ku ruhande rwayo bafatiye ibihano umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’umukuru w’iperereza.
Reta ya Congo yavuze ko ivyo bihano bidakurikije amategeko.
Abantu amajana n’amajana barishwe mu gihe c’imyiyerekano yatanguye mu kwezi kw’icenda, inyuma y’aho prezida Kabila atangarije ko amatora yari ategekanijwe muri uyu mwaka yungururijwe ku rindi sango.