Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RDC: Amatora ashobora kwigizwa inyuma imyaka ibiri
Akanama kajejwe gutegura amatora muri RDC kamenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu yungururijwe mu kwezi kwa cumi na rimwe umwaka wa 2018.
Ivyo vyamenyeshejejwe n’umukuru arongoye ako kanama, Corneille Nanga, aho yariko arashikiriza ijambo abitavye ibiganiro bimaze imisi bihuza abafise uruhara muri politike yo mu gihugu ca RDC.
Corneille Nanga yavuze ko akanama arongoye gakeneye umwanya ukwiye wo kwitegura.
Mu bikorwa bikenewe gukorwa, hari mw’uko abitavye ibiganiro basavye ko amatora yose yobera rimwe, kwandika abazotora, kugena ibibanza amatora azoberamwo hamwe no gushikana ibikoresho ku tuzu tw’amatora.
Abatavuga rumwe na reta ntibabona kumwe iyo ngingo y’akanama kajejwe gutegura amatora.
Bamwe bavuga ko hako amaraso aseseka borendira iyo myaka ibiri, mu gihe abandi bavuga ko prezida Joseph Kabira ategerezwa kuva ku butegetsi itariki 19 ukwezi kwa 12 mu mwaka 2016.
Imyiyerekano y’abatavuga rumwe na reta yo kwanka ko amatora yungururizwa ku rindi sango yarabaye mu misi iheze mu gihugu ca RDC, abantu benshi barahasiga ubuzima mu mishamirano yabahuje n’abajejwe umutekano.