U Burundi burizeye gukwiza amahera y'amatora yo mu 2020

Umushikiranganji w'ikigega ca leta Domitien Ndihokubwayo yijeje ko U Burundi buzokwiza amahera akeneye mu matora yimirije, ngo mu gihe buja bumaze kwegeranya ibice 24.5% vy'ayakenewe.
Uburundi bukeneye imiliyaridi 70 z'amafaranga y'amarundi kugira amatora yimirije yo muri 2020 agende neza.
Ariko ayamaze kuboneka biciye mu ntererano y'abanyagihugu hamwe n'akigoro ka reta angana n'imiliyaridi 17 zirenga gato, ni kuvuga ibice 24,5 kw'ijana.
Vyashikirijwe n'umushikiranganji w'ikigega ca leta Domitien Ndihokubwayo kuri uno wa kabiri, akizera ko ayakenewe yose azoboneka ata mfashanyo y'amakungu igiyemwo.
Amenyesha ko abamaze guterera ari abakozi ba leta hamwe n'amashirahamwe.
Abakozi ba leta bose hamwe, bamaze gukwiza amafaranga agera ku miliyaridi 2 n'imiliyoni 600 zirenga gato z'amarundi.
Intererano y'amashirahamwe nayo irenga gato imiliyaridi 6.
Umushikiranganji Ndihokubwayo, yavuze ayamaze kuboneka ingene angana harimwo n'ayo leta imaze gutanga.
« Turamaze kwegeranya amafaranga agera ku 17 205 774 667 z'amafaranga y'amarundi. Muti none ayakenewe angana gute ? ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko hakenewe imiliyaridi 70 z'amarundi », nikwo umushikiranganji abisigura.
Uwo mutegetsi amenyesha ko abanyagihugu badafise imishahara bataratangura gusabwa intererano, asigura ko hakiri ivya nkenerwa bazorihirako bitaratungana neza.
Kimwe mu bibazo vyabajijwe kwari ukumenya ingene amafaranga asigaye azoboneka mu gihe abanyagihugu bavuga ko bugarijwe n'ubukene.
Uwo mushikiranganji yatanze inyishu agira ati: « Tugeze ku miliyaridi 17. Mu 70 hasigaye mirongo itanu na zitatu. Hariho 12 reta yategekanije muri muri uyu mwaka zizokwiyongerako. Mbere iriko iraraba ko yozongereza kugira umunyagihugu ntahasinzikarire cane", nikwo abandanya asigura.

Amafaranga akenewe mu matora ya 2020 abangabanganwa n'ayakoreshejwe muri 2010 hamwe na 2015.
Muri 2010 hakoreshejwe imiliyoni 43 z'amadolari, mu marundi arenga gato imiliyaridi 70.
Muri 2015 naho hakoze ayagera ku miliyaridi 80.










